Hari ubwoko bwa Covid bungana gute, incanco zihasanzwe zizokora?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Michelle Roberts
- Igikorwa, Umunyamakuru ku bibazo vy'amagara, BBC News online
Hadutse ubwoko bwa coronavirus bwihinduye cane abahinga bavuga ko "buteye umutima uhagaze".
Kimwe mu bibazo vyihutirwa cane n'ukumenya niba incanco zizobandanya zikora?
Ubwwo bwoko bushasha ni nyabaki?
Hari ubwoko ibihumbi n'ibihumbi bwa Covid butembera mw'isi. Ivyo ni ukuvyitega kuko imigera (virus) irihindura buri gihe.
Ariko ubwo bwoko bushasha, bwitwa B.1.1.529 cane Omicron, bwatumye abahinga bagira umutima uhagaze cane kuko butandukanye n'ubwo mu ntango, ari nabwo incanco zakozwe kugira zirwanye.
Bufise ubushobozi bwo kwihundura kenshi -gashika 50. Muri ako kose, 32 kari mu murongo w'izo incanco zishobora kurwanya.
Ariko haracari kare cane kugira hamenyekane ingene bubangamye.
Incanco zizokora?
Incanco zihari gushika ubu ntizihuye cane nabwo bishoboka rero ko zidakora, nk'uko bivugwa n'abahinga.
Ariko ivyo ntibisigura ko ata gukinga zotanga na gato.
Mwibuke, incanco zifise akamaro cane mu gukingira ubuzima mu kugabanya ivyago vyo kurwara ukaremba kubera ubundi bwoko bwa Covid, harimwo Delta, Alpha, Beta na Gamma.
Abaganga bavuga ko ari nkenerwa cane ko abantu baronka igitigiri c'incanco zitegerezwa kugira baronke ubudahangarwa bukwiye ku bwoko buhasanzwe n'ubushobora kwaduka.
Abahinga bagiye gukora ibipimo vyinshi kugira barabe ko incanco zizokora kuri ubwo bwoko bwadutse ubu vuba.
Haracari kare, ariko abahinga bazokwiga ukwihindura gushoboka kwotuma ubwo bwoko bwandukira kurusha kandi bukagira impfagusa ubudahangarwa bwari bwatanzwe n'incanco.
Kandi bazokwiga kugira bamenye niba butera kuremba kurusha ubundi bwari buhasanzwe,
Kuronka incanco nshasha vyofata umwanya ungana gute?
Incanco zijanye n'aho uwo mugera wa Covid ugeze zija ziriko zirigwa kandi zigeragezwa, hamwe vyoshika zigakenerwa.
Hamwe ico gihe coshika, urucanco rushasha rwoshobora kuboneka mu kiringo c'amayinga kugira rurabwe ko rukora.
Abakora incanco barashobora kandi guca banyarutsa cane kuzigwiza kandi abagenzura ingene zikora baramaze kuvugana ingene boca bihutisha inzira bicamwo kugira zemezwe.
Amakenga ntiyoba aheze, ariko iyo nzira yose -kuva kurukora gushika rwemezwe- yonyaruka kurusha igihe incanco za mbere za Covid zatangura gukoreshwa.
Ku bundi bwoko bushasha nabwo?
Ababijejwe hari ubwo bashinze ijisho.
Ubushobora kubangama cane bawitwa ubwoko buteye impungenge hanyuma bukaba burimwo:
- Delta (B.1.617.2), bwatowe ubwa mbere mu Buhindi ubu bukaba aribwo bwa mbere butembera cane mu Bwongereza
- Alpha (B.1.1.7), bwatowe ubwa mbere mu Bwongereza ariko mu nyuma bugakwiragira mu bihugu 50
- Beta (B.1.351), bwatowe ubwa mbere muri Afrika y'Epfo ariko mu nyuma bukabonwa mu bindi bihugu 20 birimwo Ubwongereza
- Gamma (P.1), bwatowe ubwa mbere muri Brezil ariko mu nyuma bugakwira mu bindi bihugu 10 harimwo Ubwongereza
Mu Bwongereza hari n'ubundi bwamuka kuri Delta bashinze ijisho, ubwo nabwo bukitwa AY.4.2 canke "Delta plus".
Ubwoko butandukanye bubangamye gute?
Nta kigaragaza ko hari na bumwe muri ubwo butera kuremba kurusha ku bantu benshi.
Naho ku bwoko bwa Covid bwo mu ntango, ivyago vyinshi biri ku bantu bageze mu za bukuru canke basanzwe bagendana izindi ndwara zikomeye.
Ariko naho biri uko, iyo ubwoko bwandukira cane, bwongereza igitigiri c'abapfa mu bantu baba bataronse incanco.
Incanco zikingira umuntu ku rugero rwo hejuru kuremba kubera Covid-19, harimwo n'indwara zivuye ku bwoko bw'impungenge. Incanco zigabanya kandi ivyago vyo kwandura. Ariko ntizikura ivyago vyose.
Impanuro yo kwirinda kwandura iguma ari imwe ku bwoko ubwaribwo bwose: gukaraba intoke, kuja kure y'abandi, kwambara agafukamunwa uri mu bantu benshi hanyuma no kwiyubara ko aho uri haca akayaga.

Kuki haboneka ubwoko bushasha?
Imigera (virus) ikora nka kurya kwa kopi ya carbone (carbon copy) mu kugwira, ariko ntibikora neza. Hari igihe hajamwo ikosa gutyo igaca ihindura uko uturemangingo dupanze, bigaca bivamwo ubwoko bushasha.
Iyo ivyo bihaye umugera amahirwe yo kubandanya ubaho, ubwoko bushasha buratera imbere.
Uko umugera wa coronavirus uronka amahirwe yo kwikorera kopi muri twebwe -tuwuhaye indaro- niho hongerekana amahirwe ko haboneka ubwoko bushasha.
Nico gituma kugabanya kwandura ari nkenrwa cane. Incanco zifasha guhagarika guhanahana umugera kandi zikabuza ko umuntu aremba iyo arwaye Covid.
Abahinga bavuga ko bishoboka ko ubwo bwoko bwihinduye cane B.1.1.529 bushobora kuba bwavuye ku murwayi umubiri wiwe utashobora kwikura indwara ya Covid vuba, gutyo biha uwo mugera uwundi mwanya wo kwihindura.










