Coronavirus: Ibihugu vyugaye imbibe kubera ubwoko bushasha bwa Covid

A man gets tested for Covid-19 in Sth Africa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibihugu biriko biraba vyinshi mu gukaza ingingo zavyo zo kugabanya ingendo inyuma y'aho hagaragariye ubwoko bushasha bw'umugera wa corona muri Afrika yo mu bumanuko muri iyi ndwi.

Ubwongereza na Singapour vyabaye ivya mbere mu kwihuta gufata ingingo zikaze zo gushira abantu ukwa bonyene canke kubuza indege zivuye muri Afrika y'Epfo n'ibihugu vyegeranye.

Ishirahamwe rya Buraya naryo ryagiriye inama ibihugu vyose birigize guhagarika izo ngendo z'indege.

Abahinga baracafise igikorwa gikomeye co kumenya ibijanye n'ubwo bwoko, ariko bavuga ko bubateye umutima uhagaze cane.

Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi (OMS) rivuga ko bizofata amayinga kugira hamenyekane ubukari bw'ubwo bwoko bushasha , mu gihe abahinga bariko bariga ingene bwandukira.

Ubwo bwoko buratandukanye cane n'ubwari bumaze kwaduka gushika ubu. Abahinga bavuga ko aribwo bwa mbere bwihindura cane gushika ubu, bisigura ko incanco, zari zahinguwe hisunzwe ubwoko bwo mu ntango bw'i Wuhan, zishobora kudakora.

Ubwo bwoko bushasha ntiburahabwa izina ryoroshe gufatata, nka Delta canke Beta, gushika ubu bukaba buzwi nka B.1.1.529. OMS yitezwe kubuha izina kuri uyu wa gatanu, hanyuma imenyeshe niba ari ubwoko buteye impungenge cane canke ko ari ubwoko bwo kurabira hafi gusa.

Ni hehe hamaze kuboneka abanduye ubwo bwoko bushasha ?

OMS ivuga ko gushika ubu abantu bari munsi y'ijana babupimwe. Abamaze kwemezwa ko babwanduye bari cane cane muri Afrika y'Epfo, ariko kandi baramaze no kuboneka muri Hong Kong, Israel, Botswana n'Ububirigi.

Ministre w'Ubwongereza ajejwe amagara Sajid Javid yavuze ku wa gatanu ko "bishoboka cane" ko buja bwaramaze gukwira mu bindi bihugu.

Benshi mu bamaze kwandura muri Afrika y'Epfo bari mu ntara yayo ibamwo abantu benshi cane ya Gauteng, Johannesburg akaba ariwo murwa mukuru wayo.

24% bonyene mu bantu bagize Afrika y'Epfo nibo bamaze kuronka incanco zikiwye, ivyo bikaba bishobora gutuma ugukwirakwira kw'uwo mugera kunyaruka cane, nk'uko Dr Mike Tildesley, umwe mu bahinga ba Scientific Pandemic Influenza Modelling group, yabibwiye BBC ku wa gatanu.

Muri Hong Kong, ubwo bwoko bwakwiragiye hagati y'abantu babiri bari bashizwe ukwabo mw'ihoteri, umwe akaba yari avuye muri Afrika y'Epfo, uwo wundi akaba haheze iminsi yaciye atorwa ko yanduye nk'uko vyahishuwe n'igisata kijejwe amagara. Bompi bari bararonse incanco zikwiye.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett yavuze ku wa gatanu ko igihugu "kiri hafi y'igihe c'amategeko adasanzwe" ku bijanye n'ubwo bwoko bushasha, kandi ko ''agiye gufata ingingo , ikomeye kandi ubu".

Umuntu umwe yaratowe ubwo bwoko atashe avuye muri Malawi, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Israel bisubiramwo ivyavuzwe n'umushikiranganji w'ico gihugu ajejwe amagara. Hari n'abantu babiri bikekwa kuba baranduye ariko bataremezwa n'ibipimo. Abo bose uko ari batatu bivugwa ko bari bararonse incanco zikwiye.

Ibihugu bitandukanye biriko birakora iki ngo vyirinde kwandukirwa ?

OMS iragabisha ibihugu bifata ingingo za gihutihuti zo kubuza ingendo, ivuga ko vyofata ingingo zishingiye ku nsiguro z'abahinga no ku rugero rwo kugeramirwa.

Naho biri uko ibihugu biriko biraba vyinshi birimwo Ubwongereza n'Ubuhorandi vyabaye birafata ingingo mfatakibanza yo guhagarika indege zivuye muri ibi bihugu vyo muri Afrika y'Ubumanuko:

  • Afrika y'Epfo
  • Botswana
  • Namibia
  • Zimbabwe
  • Eswatini (cahora citwa Swaziland)
  • Lesotho

Singapore, Ubutariano , France na Israel biri mu bihugu vyashize na Mozambique, ku rutonde rwavyo rutukura.

Ubuyapani bwamenyesheje ko kuva ku wa gatandatu, ingenzi zivuye muri Afrika y'Ubumanuko zizotegerezwa kumara iminsi 10 ukwa zonyene kandi zigapimwa incuro zine muri ico kiringo.

Ico babivugako muri Afrika y'Epfo

Guhagarika indege bishobora kuzotandukanya imiryango muri ibi bihe vy'iminsi mikuru ya Noel na Bonane.

Ruth Daines-Slack, w'imyaka 70, yari yatabuje itike yo kuva Cape Town aja mu Bwongereza ku ndwi iza guhimbaza Noel n'isabukuru y'imyaka 100 ya nyina wiwe. Yabwiye BBC ko yarengewe kandi ko atagishoboye gukora urwo rugendo anegura cane ingingo y'Ubwongereza yo kubuza ingendo.

Ubwongereza bwabaye ubwa mbere mu gufata ingingo yo kubuza ingendo , ingingo umushikiranganji wa Afrika y'Epfo ajejwe imigenderanire yavuze ko ari "ingingo ya gihutihuti" yafashwe imbere y'uko OMS igira ico ishikirije kuri ubwo bwoko bushasha.