Ethiopia: Intumwa za AU na US zihimiriza ko haba ibiganiro hagati ya reta n'abagwanyi

Intumwa zidasanzwe ry'ishirahamwe z'ubumwe bwa Afrika (AU) na Amerika (USA) zasubiye muri Ethiopia mu ntumbero yo gusubira gusaba ibiganiro vyo guhagarika intambara n'inzira yo kurangiza iyo ntambara imaze umwaka.

Bose ko ari babiri Jeffrey Feltman wa Amerika na Olusegun Obasanjo wa AU bashitse muri ico gihugu ku musi wa kane.

Feltman yarabonanye n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Demeke Mekonnen, yavuze ko reta yarekuye imodoka zitwaye imfashanyo kuja muri Tigray hamwe n'indege zijanye imfashanyo kugwa mu bisagara biri mu ntara bihana urubibe ya Amhara.

Muri iyo nama, Demeke yavuze ko indege zijana imfashanyo zarekuriwe kuja i Kombolcha na Lalibela, ziyongera ku makamyo 369 atwaye imfashanyo yarekuriwe kuja i Tigray nk'uko biri ku rubuga rwa Twitter rw'igisata ca reta kijejwe guhanahana amakuru.

Umuvugizi wa reta ya Ethiopia, Dina Mufti, yabwiye abamenyeshamakuru ko Obasanjo "aguma abonana n'impande zose zihanganye", nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.

Dina yasubiwemwo avuga at "ivyo ni nako bimeze kuri Feltman."

Kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe guheze, reta n'abagwanyi bo muri Tigray bari mu ntambara yatanguriye i Tigray ica ikwiragira mu ntara bihana urubibe za Amhara na Afar.

Iyo ntambara imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi, ituma imiliyoni n'imiliyoni bata izabo hamwe n'ibihumbi amajana n'amajana bageramiwe na kigoyi.