Ethiopia -Tigray: ONU igabisha ko igihugu gihakwa kuja mu ntambara cose

Ishirahamwe mpuzakungu ONU rigasbisha ko Ethiopia ishobora kuja mu ntambara y'igihugu cose hamwe indwano yo mu ntara y'uburaruko ya Tigray itohogarara vuba.

Umukuru w'igisata kijejwe ibibazo vya poritike n'ugukomeza amahoro muri ONU Rosemary DiCarlo avuga ko ata mfashanyo irashika ku murwa mukuru wa Tigray, Mekelle, kuva hagati mu kwezi kw'icumi mu gihe hari abantu bashika miriyoni indwi bayikeneye vyihuta.

ONU ivuga ko abantu bashika 400.000 babayeho nko mu bihe vy'amapfa.

Kuri uyu wa kabiri, intumwa y'ishirahamwe rya Afrika AU mu bihugu vy'ihembe rya Afrika, Olusegun Obasanjo, yavuze ko yabonanye n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, n'indongozi y'intara ya Tigray, Debretsion Gebremichael.

Umwanya muto wo gutora inyishu

Avuga ko bompi bemera ko iyo ntambara ari iya poritike ariko ko hatigeze havugwa ibiganiro vy'imbona nkubone hagati yabo.

ONU ishaka ko ingabo za reta n'abayigwanya bahagarika intambara bakava muri ako karere kugira bishoboke ko hashikayo imfashanyo n'imiti bikenewe cane.

Hagati aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika (US) n'Ishirahamwe rya Afrika bavuga ko babona ko hari amahirwe make yo gutorera inyishu ikibazo ca Ethiopia .

Intumwa idasanzwe ya US Jeffrey Feltman aherutse i Addis Abeba aho yabonanye n'abo muri AU hamwe n'abategetsi ba reta.

Intumwa ya AU Olusegun Obasanjo yabwiye inama ya ONU ijejwe umutekano ko umwanya uriko urahera kandi ko hazoba akaga gakomeye cane ku bantu hamwe intambara itotorerwa inyishu vuba.

Iyo ntambnara yo muri Ethiopia imaze umwaka yadutse hagati y'ingabo za reta mpuza-ntara n'abagwanyi b'umugambwe wahora utwara intara ya Tigray, TPLF.

'Tuzokomeza gusugereza umurwa mukuru Addis Ababa'

Abo bagwanyi bavuga ko bagiye gusugereza umugwa mukuru Addis Ababa mu gihe reta nayo yahamagariye abahora mu ngabo bakukurutse gusubira gufata umuheto bakitaba urugamba.

Umuvugizi w'abagwanyi ba Tigray avuga ko bazokomeza gushika reta ivanyeho ingingo zo kwugarana iyo ntara.

Getachew Reda yabwiye ikiganiro BBC Focus on Africa ko intambanyi yonyene iri mu nzira y'amahoro muri Ethiopia ari ministre wa mbere Abih Ahmed mu "kwibohera ku nyishu iciye mu nzira ya gisirikare ku kibazo ahanini ca poritike".

Getachew avuga ati: "Ico dukeneye cane si Addis Ababa, ico dushaka n'uko tugondoza [Abiy] akavanaho ukwugarana intara yacu".

"Abiy niwe ategerezwa kwemera ivyo dusaba… hanyuma akarangiza intambara."

Uwo muvugizi avuga ko uwahoze ari umukuru wa Nigeria, Olusegun Obasanjo, ari muri Ethiopia kugerageza kuvugana n'impande zose ingene intabara yorangira, yagiranye ibiganiro vyiza n'umukuru wa TPLF, Debretsion Gebremichael.