Ethiopia: Reta isaba abakukuruke gusubira mu gisirikare kugira bafashe kurwanya inyeshamba za Tigray

Ahavuye isanamu, AFP
Igisirikare ca Ethiopia gitera akamo abakukuruke gusubira kwinjira mu gisirikare, mu gihe kiri mu rugamba rwo guhagarika inyeshamba.
Aka kamo gatewe mu gihe inyeshamba z'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) zitera zisugereza umugwa mukuru Addis Ababa.
Ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika butera akamo abanyagihugu ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuva muri Ethiopia vuba bwango mu gihe ibijanye n'umutekano mu gihugu bitera biyangara.
Amasaha make imbere y'aha, imirwi icenda yose irwanya reta yari yatangaje ko yishize hamwe kugira ngo isambure ubutegetsi bw'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed.
Reta yoyo itangaza ko izobandanya kwigwanira. Iyi ntambara yinjiye mu mwaka ugira kabiri, aho imaze gutesha izabo abaharurwa mu mamiriyoni, nayo abarenga 400.000 bakaba basugerejwe na kigoyi.
Muri ino ndwi, abategetsi ba reta batangaje ibihe bidasanzwe, banasaba abanyagihugu kwandikisha ibirwanisho vyabo, bababwira ko bitegurira kurwana kugira bakingire uturere babamwo.
Mw'itangazo yasohoye, ibidakunze kuba, Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano isaba impande zompi guhagarika intambara, inashimangira ko ishigikiye utwigoro tw'Ishirahamwe ry'Ubumwe bw'ibihugu vya Afrika two kwumvikanisha abashamiranye.
Eka n'incuti za Ethiopia zitera akamo ko guhagarika intambara.
Umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Liz Truss, asaba impande zompi kwumvikana bagahagarika intambara, hari igihe yavugana kuri terefone n'icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia ejo ku wa gatanu.
Uyu mupfasoni ati: "Narerekanye neza ko ata nyishu ivuye mu ntambara kandi ko ibiganiro ari ngombwa kugira ngo amaraso areke guseseka bongere bashike ku mahoro arama".
Ku wa kane, umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yasavye ko haba agahengwe kandi intambara igahagarara. Intumwa idasanzwe ya Amerika, Jeffrey Feltman, ari mu rugendo i Addis Ababa gufahsa kugira ngo habe umwumvikano.
Imihari TPLF na Oromo Liberation Army (OLA) iri muri uru runani rushasha ruhuza inyeshamba.
Avugira i Washington, uwuserukira intara ya Tigray akaba yahoze anaserukira Ethiopia muri Amerika, Berhane Gebre-Christos, avuga ko intumbero ari ukubogoza reta ya Abiy ku nguvu canke biciye mu biganiro, hanyuma hagashingwa reta mfatakibanza.
Ati: "Turiko turagerageza kugarukana ibintu mu buryo kuko bimeze nabi muri Ethiopia, biturutse ku butegetsi bw'ukwigungirako kwa Abiy".
"Igihe kiriko kiramujana".
Imihari OLA na TPLF yari yatanguye kurwanira hamwe, aho muri ino ndwi yatangaje ko yigaruriye igisagara ca Kemise kiri ku birometero 325 mu buraruko bw'umugwa mukuru Addis Ababa, kw'ibarabara rikuru riva i Tigray rija ku mugwa mukuru.

Ubwoba bw'intambara ku mugwa mukuru
Umwihwezo wa Anne Soy, umunyamakuru wa BBC
Kubona abakukuruke batumwako ngo basubire mu gisirikare vyerekana ko reta ya Ethiopia yamaze kubona ko inyeshamba ziyigeramiye koko.
Bibaye haciye umusi umwe gusa umushikiranganji wa mbere Abiy asohoye ubutumwa bwo kwihagararako, avuga ko ingabo ziwe "zizokwemera gusesa amaraso yacu gushika zihamvye umwansi".
Ariko iyi ngingo irerekana ko reta itaciyemera. Yaramaze no gusaba abasivire kwirwanira.
Hari utwigoro tw'amakungu two kurondera ingene umugwa mukuru utokwinjira mu ntambara. Ariko ibi bigenda biboneka ko biri kure, mu gihe impande zompi zibandanya zihaya intambara.

Ariko abategetsi ba reta bobo barahakana ivyerekeye uru runani rushasha, bavuga ko ata bantu bazokwigera barushigikira.
Kebede Desissa avugira reta yabwiye ikiganiro Newshour ca BBC ati: "Nta nguvu na nkeya bafise, niwo murwi wa mbere wa poritike muri Ethiopia ufise intege nke".
Avuga ko ku rubuga ata kintu na kimwe cerekana ko inyeshamba ziriko zirasugereza umugwa mukuru.
Haraciye umwaka iyi ntambara yadutse hagati y'ingabo za reta n'umugambwe TPLF wamaze imyaka mirongo wiganziye Ethiopia, ubu ukaba ari wo urongoye intara yaTigray.










