Somalia: Intumwa ya AU muri Simon Mulongo yirukanywe ubutarariye

Intumwa ya AU muri Somalia Simon Mulongo yirukanywe ubutarariye

Ahavuye isanamu, Amisom

Insiguro y'isanamu, Intumwa ya AU muri Somalia Simon Mulongo yirukanywe

Igihugu ca Somaliya cirukanye intumwa y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (AU) muri ico gihugu ubutarariye, Simon Mulongo, kimusaba gukura meza mu kiringo kirenze indwi.

Mulongo n'icegera c'intumwa idasanzwe y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (AU) muri Somalia.

Yagirizwa gukora ibikorwa bitajanye n'amabanga yiwe muri Amisom (African Union Mission in Somalia) hamwe n'imigambi y'ico gihugu yerekeye umutekano, nk'uko vyanditswe kuri Twitter n'imboneshakure ya reta SNTV, ku musi wa kane.

Amatangazo atandukanye yashizwe ku rubuga rw'iyo mboneshakure kuri Twitter avuga: "Umushikiranganji w'imigenderanire, Mohamed Abdirisak, yavuze ko Somalia abakozi ba Amisom na cane cane abafise amabanga akomeye, bari bitezwe ko barangura neza ata gatosi amabanga bajejwe muri ONU na AU, bategerezwa gufatirwa ingingo iyo baciye kubiri na vyo.

Inkuru zitangwa n'iradiyo yigenga Risala, iyirukanwa ry'uwo yahoze ari umushingamateka muri Uganda rishobora kuba rifitaniye isano n'ibibazo vyerekeye kazoza ka Amisom muri ico gihugu bitavuzweko rumwe muri aya mezi ya vuba.

Mu kwezi kwa mbere mu 2019, ico gihugu kiri mw'ihembe rya Afrika cirukanye ubutarariye Nicholas Haysom, intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa Onu muri Somalia, inyuma yo gusaba reta gutanga insiguro y'ifungwa ry'uwahoze ari icegera c'umukuru wa al-Shabab, Mukhtar Robow.