Hari ukutavuga rumwe ku rupfu rw'umupfasoni Ikraan Tahliil muri Somalia

Imigwi itavuga rumwe na reta ivuga ko Tahliil yanyurujwe kubera yari afise amabanga akomeye ku basirikare ba Somalia bajanywe mu myimenyerezo mu gihugu ca Eritrea - canke mbere bagiye kugwana mu gihugu kibanyi ca Ethiopia.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imigwi itavuga rumwe na reta ivuga ko Tahliil yanyurujwe kubera yari afise amabanga akomeye ku basirikare ba Somalia bajanywe mu myimenyerezo mu gihugu ca Eritrea - canke mbere bagiye kugwana mu gihugu kibanyi ca Ethiopia.

Ukutumvikana hagati ya prezida n'umushikiranganji wa mbere ba Somalia kw'iburirwa irengero ry'umupfasoni akora mw'igendereza, Ikraan Tahliil, ku mugwa mukuru Mogashu kugenda kuriyongera.

Umushikiranganji wa mbere Mohamed Hussein Roble yarakuye ku mugaragaro umukuru w'igendereza amuhora uko yifashe kuri ico kibazo - ariko aza kugarukanwa mu mabanga yiwe n'umukuru w'igihugu Abdullahi Muhamed azwi ku ritazirano rya Farmajo.

Mu ndwi iheze, ibiro bijejwe iperereza vyavuze ko Ikran Tahliil yanyurujwe aca aricwa na al-Shabab, ivyo uwo muhari uhakana wivuye inyuma.

Ivyerekeye Tahliil birateye amakenga - ukutavuga rumwe hirya no hino mu gihugu ca Somalia.

Uwo mupfasoni w'imyaka 25 yabonetse ubwa nyuma mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu, ahoy ava muhira ari mu modoka ya reta. Ico ni co conyene impande zose zihurizako.

Fahad Yasmiin, atwara urwego rujejwe iperereza , yarasohoye itangazo avuga ko al-Shabab yamunyuruje ica iramwica.

Ariko uwo muhari warahakanye wivuye inyuma ko ata ruhara ifise muri urwo rupfu.

Ivyo vyatumye Yasmiin ahagarikwa mu kazi vy'agateganyo n'umushikiranganji wa mbere - imbere y'uko ategekwa kuguma mu kazi kiwe na prezida.

Hagati aho, imigwi itavuga rumwe na reta ivuga ko Tahliil yanyurujwe kubera yari afise amabanga akomeye ku basirikare ba Somalia bajanywe mu myimenyerezo mu gihugu ca Eritrea - canke mbere bagiye kugwana mu gihugu kibanyi ca Ethiopia.

Muri ico gihe cose, nyina wiwe atera akamo ko umukobwa wiwe agarukanwa muhira canke ko abamwishe babihanirwa.