Somalia - AU: Ingabo za Amisom zizoguma muri Somalia gushika mu kwa cumi na kabiri

Abasirikare ba Amisom muri Somalia baguma bongererezwa ikiringo uko umwaka utashe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Amisom muri Somalia baguma bongererezwa ikiringo uko umwaka utashe

Vyitezwe ko abasirikare bari mu butumwa bw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, Amisom, baguma muri ico gihugu gushika itariki 31 z'ukwezi kwa cumi na kabiri gushika umutekano ugarutse hakaba n'amatora.

Ingingo yo kwongereza ikiringo c'ingabo za Amisom yemerejwe mu nama y'ibihugu 15 bigize akanama k'amahoro n'umutekano.

Iyi ngingo itumye Somalia, izeye umutekano wayo ku ngabo za Amisom kuva mu 2007, yiruhutsa.

Mu bihugu 15 bigize akanama k'amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika harimwo Kenya, Djibouti, Ethiopia, Misri, Nigeria na Algeria.

Ibindi bihugu ni Benin, Uburundi, Cameroun, Tchad, Ghana, Lesotho, Malawi, Mozambique na Senegal.

Uwo mugambi wo kwongereza ikiringo ca Amisom uzorungikirwa akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi, na ko gasanzwe gashigikira ibikorwa vya Amisom muri Somalia, kugira kawemeze muri uku kwezi kwa gatanu mu 2021.

Abasirikare ba Amisom muri Somalia baguma bongererezwa ikiringo uko umwaka urangiye mu ntumbero yo gukingira ibibanza vyinshi, gushigikira ingabo za reta ya Somalia no mu kugwanya al-Shabab.