Covid: WHO/OMS igabisha ko ikiza kizobandanya gushika kure mu 2022

    • Umwanditsi, Na Naomi Grimley
    • Igikorwa, Ibibazo vy'isi

Ikiza ca Covid "kizobandanya mu kiringo c'uwundi mwaka kitari ngombwa" bitewe n'uko ibihugu vy'amikoro make bitariko biraronka incanco bikeneye, nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS/WHO.

Dr Bruce Aylward, umwe mu bayobozi muri OMS, avuga ko akaga ka Covid "gashobora rero kubandanya mu gice kinini c'umwaka wa 2022".

Abantu badashika 5% muri Afrika nibo bamaze kuronka incanco, ugereranije na 40% ku yindi migabane myinshi.

Mu ntango, umugambi wa Covax wo gusabikanya ata buryarya incanco kw'isi, wategekanya ko ibihugu vyose vyoronka incanco biwuciyeko, harimwo n'ibikize cane. Ariko ibihugu vyinshi vy'umugwi w'ibikize cane G7 ntivyabaye bigica muri iyo nzira kuva bitanguye kwumvikana kimwe kimwe ukwaco n'ama kompanyi akora incanco.

Incanco nyinshi za Covid zahavuye zikoreshwa rero n'ibihugu vyifise. Afrika gushika ubu iharurwa kuba imaze gukoresha 2.6% y'incanco zose zimaze gutangwa kw'isi.

Uwo mugwi w'amashirahamwe y'ubugiraneza urimwo Oxfam na UNAids, unegura kandi Ubwongereza na Canada kuronka incanco ubicishije muri Covax, umugambi ushigikiwe na ONU wo gusabikanya no gukwiragiza incanco kw'isi atawusizwe inyuma.

Ibiharuro vyerekana ko muri uyu mwaka Ubwongereza bwaronse incanco za Pfizer 539.370 mu gihe Canada nayo yafashe hafi umuriyoni wa Astra-Zeneca.

Dr Aylward yasavye ibihugu bitunze guhebera ibibanza vyavyo ku murongo w'abarindiriye kuronka incanco kugirango ama kompanyi akora incanco ahubwo ashire imbere ibihugu vy'amikoro make.

Avuga ko ibihugu bitunze bikwiye kwikora ku bubiko bifise kugira vyuzuze inshingano vyiyemeje mu nama ya G7 i St Ives mu ci riheze.

Yavuze ati "Nobabwira ko tutari mu nzira nziza".

"Vy'ukuri dukeneye kwihuta, canke naho murabizi? Iki kiza kizobandanya ikiringo c'uwundi mwaka kandi bitari ngombwa."

People's Vaccine - urunani rw'amashirahamwe y'ubugiraneza - rwasohoye ibiharuro vyerekana ko rumwe (doze imwe) ku ncanco indwi zemewe n'ibigo bizikora hamwe n'ibihugu bitunze arirwo rushika iyo rugenewe mu bihugu bikenye kurusha ibindi.

Umujenama wa Oxfam ku bibazo vy'amagara ku rwego rw'isi, Rohit Malpani, aremera ko Canada n'Ubwongereza vyari bifise uburenganzira bwo kuronka incanco biciye muri iyo nzira kuko vyari vyaratanze amafaranga muri Covax, ariko yavuze ko "bitoshigikirwa nk'ibikwiye gukorwa" bivanye n'uko vyompi vyari vyaronse miriyoni z'incanco biciye mu masezerano yavyo n'amakompanyi azikora.

Yavuze ati: "Ntivyari kuba vyaronse incanco biciye muri Covax".

"Ntaho bitaniye n'amayeri yo kuronka incanco mu nzira zibiri, ivyo rero bigaca bisigura ko ibihugu bikenye kurusha ibindi vyari bisanzwe biri inyuma ku murongo wo kurindira amaherezo bizotegerezwa kubandanya birindiriye ikindi gihe kirekire."

Reta y'Ubwongereza yavuze ko buri mu bihugu vyatumye Covax itangura gukora mu mwaka uheze mu kuyiha ayangana na miriyoni 548 z'amafaranga y'Abongereza (miriyoni zirenga 750 z'ama dorari).

Reta ya Canada yo yihutiye kuvuga ko ubu yahevye gukoresha incanco zivuye muri Covax.

Covax mu ntango yari yiyemeje kuba yatanze miriyaridi zibiri gushika mu mpera z'uyu mwaka, ariko gushika ubu imaze gukwiragiza incanco zingana na miriyoni 371 gusa.