Covid mu minsi iri imbere izoba ari nk'ibicurane - Abashakashatsi

    • Umwanditsi, Yanditswe na Nick Triggle
    • Igikorwa, Akurikirana ibijanye n'amagara

Covid iri mu nzira yo gucika nk'ibicurane abantu basanzwe bamenyereye, nk'uko bivugwa n'abahinga babiri, abigisha bo kuri kaminuza ya Oxford Sir John Bell na Dame Sarah Gilbert, ari nabo batoye urucanco rwa Oxford-AstraZeneca.

Ku mugera washegeshe isi nk'uko, ivyo abo bahinga bavuze bishobora kwumvikana nko kwubahuka cane.

Ariko ico ibiza vyabaye muri kahise vyerekana n'uko umugera utera mu mipfunda. Imipfunda ya mbere iba ikomeye cane, bigatera kurwara ukaremba, ariko mu nyuma umugera ukagenda woroha.

Ivyo ntibivuze ko umugera uba wazimanganye, ahubwo ni ukubera ubudahangarwa tuba twubatse mu mubiri buheza bukagabanura ingaruka.

Ubukari bw'ukurwara kwandurutse kuri uwo mugera buragabanuka cane n'ubwo tuguma dusubira kwandura kenshi kenshi.

Incanco zakozwe ziduha ubushobozi bwo kwigwanira, izo ncanco zikigisha umubiri kumenya kugwanya uwo mugera.

Ubukomezi bw'urukingo burashobora kugenda buragabanuka uko umwanya uhera, ariko buguma bukomeye bihagije kugira burinde umurwayi kuremba.

Ivyo bisigura ko n'ubwo dushobora kuja turandura kenshi muri kazoza, ukurwara bishobora kudakomera cane kuri benshi gutyo bigatuma ukwigwanira kw'umubiri kuguma kwinagura.

Uko biboneka ku yindi migera, abantu bageze kure mu zabukuru n'abafise umubiri utagishoboye kwirwanira neza bazoguma bafise ivyago vyinshi vyo gusinzikazwa n'iyo ndwara. Nico gituma bashobora gusubira gucandagwa muri kazoza.

Ibi ntibivuze ko ata bantu bazosubira kwicwa na Covid - n'ibicurane bikaze mu gihe c'imbeho (hiver/winter) biracashoboye guhitana abantu bashika ibihumbi 25 - ahubwo izoshika ku rugero rw'aho iba nk'iyisanzwe mu bantu.

Ikibazo gikomeye n'ukumenya ryari tuzoshika aho.