Agnes Tirop: Umugabo wiwe yafatiwe muri Kenya inyuma y'urupfu rw'uwo munonotsi

Igiporisi muri Kenya caraye gifashe umugabo w'umunonotsi yaciye umuhigo w'isi mu kwiruka Agnes Tirop yasogoswe imbugita agapfa i muhira iwe.

Emmanuel Rotich, yafatiwe mu gisagara ca Mombasa kiri ku nkengera z'ibahari Indiano, arindiriye kwagirizwa ivyaha niyo amatohoza yahera, nk'uko bivigwa n'umutegetsi.

Madame Tirop, w'imyaka 25, yatowe yapfuye ku wa gatatu mu gisagara ca Iten kiri mu burengero bwa Kenya, ahari ikigo co kwimenyererezamwo ku banonotsi.

Yari yarangije ari uwa kane mu mahiganwa ya Olympic y'uwu mwaka i Tokyo mu gice ca nyuma c'imetero 5 mu bagore.

Mu 2019, yari yatsindiye umudari wa bronze ku metero 10.000 mu mahiganwa y'isi (World Athletics Championships).

George Kinoti, umuyobozi w'urwego rw'amatohoza y'ivyaha yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko umugabo wiwe ari mu minwe y'igiporisi inyuma yo gufatwa "igihe yariko arahunga".

Ubutumwa bwo guhayagiza Tirop no kubabazwa n'urupfu rwiwe bwaracanacanyeko cane cane buva ku bo bari basangiye umwuga w'ubunonotsi.

Julius Yego, yahoze ari kapiteni w'abanonotsi muri Kenya, yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ati: " Yari igitangaza c'umukobwa akiri muto yakora cane kugira abe mu banonotsi ba mbere bakomeye cane kw'isi."

"Yashaka kuba uwa mbere kandi nta minsi myinshi yari iheze aciye umuhigo w'isi ku metero 10.000.

"Urugendo rwiwe rwariko ruratera imbere, ariko ku mahirwe mabi, hari umuntu yagize ati ni ruhagararire ngaho".

Mu vyo yari amaze gushikako, Tirop yatanguye kugira amahirwe ataranakwiza imyaka 18 - mu gutsindira umudari wa bronze ku metero 5000 mu mahiganwa y'isi mu 2012 no mu 2014 - hanyuma amaze gukura, atsinda ihiganwa ryo kwiruka mw'ihiganwa ryo mw'ibarabara (World Cross Country Championship) mu 2015.

Mu mahiganwa y'isi yo mu 2017 na 2019, yatsindiye umudari wa bronze, ku metero 10 imbere yo kuba uwa kane mu nkino za Olympic za Tokyo haraheze amezi abiri.

Mu kwezi guheze, yanditse amateka mu guca umuhigo w'isi w'iminota 30 n'isekunda imwe, mu Budagi, ku birometero 10 biruka mw'ibarabara.

Ku wa kane, Athletics Kenya, urwego rw'igihugu rujejwe inkino z'ubunonotsi muri Kenya, rwahagaritse amahiganwa yose mu kiringo c'indwi zibiri nk'ikimenyetso c'icubahiro kuri Madame Tirop.

Yego yavuze ati: "Twabuze umuntu w'impano nyinshi.Yari umugore akomeye cane kandi yita ku co ariko arakora."

Abajijwe ingene azomwibuka, uwo afise umudari w'ifeza mu gutera umuhunda (javelot/javelin) mu nkino za Olympic yishuye ati: "Umugore akiri muto w'amahoro, yicisha bugufi, yama ariko aratwenga."

"Ntiwigera umenya ryari ababaye canke ashavuye".

"Twagize umunsi ugoye ejo hahise - biracadushegesha. Uravye ku mbuga hwaniro canke kuri television, uhasanga inkuru ibabaje ya Agnes. Turacariko turagerageza kwifata".

Ku wa gatatu, umukuru w'urwego rw'isi ruraba inkino z'ubunonotsi, World Athletics, Sebastian Coe, na Mugenzi atwara komite mpuzamakungu ya Olympic, Thomas Bach, bompi bavuze ku rupfu rwa Madame Tirop.

Coe yatwaye umudari w'inzahabu wa Olympic kabiri yavuze ko Tirop yari "umwe mu bakinyi ba mbere beza b'abagore ku birere binini muri iyi myaka itandatu iheze".

Yongeyeko ati: "Inkino z'ubunonotsi zibuze umwe mu nyenyeri zazo mu buryo bubabaje cane."

"Iki ni igihombo kinini ku nkino kw'isi yose ariko na cane cane ku muryango wiwe, abagenzi na Kenya."

"Ndabahojeje bivuye ku mutima."

Bach nawe yashimagije Tirop nk'icitegererezo ku butumwa yanditse kuri Twitter.

Mu kwezi guheze, Tirop yari yaciye umuhigo w'isi ku metero 10.000 ku cicaro c'ikompanyi yamufata mu mugongo Adidas mu Budagi, iyo kimpanyi y'igihangange mu gukora imyambaro y'inkino nayo ikaba yanditse ubutumwa bwo guhoza ku mbuga hwaniro.