Kurwara amano biturutse kuri Covid: Icigwa kirabisigura

Ahavuye isanamu, Chris Curry/Getty
- Umwanditsi, Na Michelle Roberts
- Igikorwa, BBC News online
Abahinga mu bumenyi (science) bemeza ko bashobora gusigura igituma abantu bamwe bamwe banduye Covid baheza bagahurirwa canke bagafurutira ku mano canke ku ntoke.
Guhurirwa canke gufurutira ku mano bisa n'uko ari imwe mu ngaruka z'umubiri uba wafashe inzira yo kurwana kugira wivune umugera.
Abashakashatsi bavuga ko batoye neza na neza ibice vy'indinganizo y'umubiri yo kwigwanira bigira uruhara muri ivyo bishikira amano.
Ivyatowe, biri muri British Journal of Dermatology - ikinyamakuru co mu Bwongereza candikwamwo ibijanye n'indwara z'urukoba (uruhu) - bishobora gufasha gutora imiti yo kworohereza amano.
Ni iki kurwara amano bitewe na Covid?
Bishobora gushika ku myaka iyari yo yose, ariko akenshi bikarira abana n'abayabaga (abangavu).
Kuri bamwe nta bubabare bitera, ariko uko gufurutira gushobora kubabaza kandi kugatera kwiyagaza cane no kuvyimba.
Sofia, w'imyaka 13 aba muri Ecose (Scotland) , vyageze aho bihakwa kumunanira gutambuka canke kwambara ibirato igihe yarwara amano biturutse kuri Covid mu minsi iheze.
Yageze aho yifashisha intebe ry'abagendana ubumuga canke abarwaye badashobora kwigendera (wheel chair/chaise roulante) iyo yaba ashaka kuja kure.
Igice kirwaye, - akenshi amano, ariko rimwe na rimwe n'intoke - gishobora guhishira. Hari n'abavyimba bakababara canke urukoba rukagangatara. Hashobora kuza n'amashira.
Hari ababimarana amezi, abandi amayinga.
Akenshi, nta kimenyetso na kimwe bagira mu bisanzwe biranga indwara ya Covid, nk'inkorora idahera, , ubushuhe no kutamoterwa canke kutumva igisosa canke ikurura.
Kubera iki bishika?
Ibiherutse gutorwa muri ico cigwa , bishingiye ku bipimo vy'amaraso n'urukoba , vyerekana ko hari ibice bibiri vy'indinganizo y'umubiri yo kwirwanira bishobora kuba bfise uruhara.
Vyompi bizanamwo inzira umubiri ukoresha mu kurwanya umugera.
Imwe ni proteine igwanya umugera yitwa interferon y'ubwoko bwa mbere, hanyuma hari n'ubundi bwoko bw'umusirikare w'umubiri yihenda akarwanya uturemangingo bwite tw'umuntu, aho kurwanya uwo mugera wonyene.
Uturemangingo turi ku nzira zitwara amaraso ahaba harwaye natwo tugira uruhara nk'uko bivugwa n'abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Paris mu Bufaransa.
Abashakashatsi bize abantu 50 bikekwa kuba barwaye amano bitewe na Covid ku mpeshi ya 2020, n'abandi 13 bari bafise ibimenyetso bisa navyo ariko vyo ataho bihuriye na Covid kuko vyabaye imbere cane y'uko ikiza ca Covid caduka.
Bizeye ko ivyatowe bizofasha abarwaye n'abaganga gutahura ibishikira amano.
Umuganga avura indwara z'ibirenge mu Bwongereza Dr Ivan Bristow avuga ko kenshi - guhurirwa canke gufurutira bitewe n'ibicurane canke ku bantu bafise ingorane z'itembera ry'amaraso - birikiza vyo nyene.
Ariko hari n'igihe bikenerwa ko hakoreshwa amavuta yo kuhasiga canke imiti.
Avuga ati "ubwo ikibitera cemejwe bizofasha kumenya ingene bivurwa neza gusumba".
Avuga ko indwara zifata urukoba kubera ingaruka za Covid zishobora kuza haheze igihe umuntu yayirwaye bikomeye no ku bantu ata bindi bimenyetso bagaragaje, gutyo isano na Covid ntiryama rihari.













