AUKUS: France yakuye akarenge mu biganiro na UK kubera ivyo batumvikanako

Ahavuye isanamu, Scott Morrison
- Umwanditsi, Na Alex Therrien
- Igikorwa, BBC News
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubufaransa yahagaritse ibiganiro na mugenziwe w'Ubwongereza kubera impari ku masezerano mashasha y'umutekano hagati y'Ubwongereza, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Australia.
Paris irarakaye inyuma y'aho Australia itereye igikumu ku masezerano mashasha azwi nka AUKUS afise intumbero yo kuyubakira ubwato bwo musi y'inyanja bukoresha inguvu za nikleyeri, ivyatumye iheba amasezerano nk'ayo yari ifitaniye n'Ubufaransa.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson avuga ko aya masezerano ata kibazo na kimwe ateye Ubufaransa.
Ariko inama yategerezwa guhuza Florence Parly n'umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi Ben Wallace i Londres yahagaritswe.
Lord Ricketts yahoze aserukira Ubwongereza mu Bufaransa akaba yari yiteze kuba mu barongoye ibi biganiro vy'imisi ibiri yemeje ko iyi uwu mubonano "wungururijwe ku rindi genekerezo".
'Imigenderanire myiza cane'
Amasezerano ya Aukus yateweko igikumu mu ndwi iheze, abatari bake bakaba babona ko afise intumbero yo kubuza Ubushinwa kwiganza mu nyanja y'Ubushinwa (Mer de Chine méridionale/South China Sea), yahagaritse ayandi yari ategekanijwe gutwara imiriyaridi 37 z'amadorari y'abanyamerika yari yateweko igikumu na Australia mu 2016, aho Ubufaransa bwotegerejwe kuyubakira ubwato 12 bukorera musi y'inyanja.
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire Jean-Yves Le Drian avuga ko aya masezerano ari "amasezerano y'incamugongo" yerekana "ingendo mbi idashobora kwihanganirwa hagati y'ibi bihugu bicuditse".
Mu bintu bitari bwigere bibaho muri ibi bihugu bisanzwe ari incuti, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yategetse ko abaserukira iki gihugu i Washington na Canberra (umugwa mukuru wa Australia) batahukanwa.
Mu kiganiro yatanze igihe yagomba yurire indege imutwara i New York aho agiye kwitabira inama nkuru ya ONU, Boris Johnson yavuze ko Ubufaransa butari bukwiye kugira "ubwoba" kuri aya masezerano, anashimangira ko imigenderanire y'Ubwongereza n'Ubufaransa idashobora na gato "guhagarara".


Uyu mushikiranganji wa mbere avuga ko Ubwongereza n'Ubufaransa bifise "imigenderanire myiza cane" avuga ko afise "akamaro kanini".
Yabwiye abanyamakuru ati: "Urukundo dufitiye Ubufaransa ntirushobora gusenyuka".
"Aukus ntabwo ifise intumbero yo gusamburana, ntifise intumbero yo kwigizayo bamwe n'abandi. Si ikintu umuntu akwiye gutinya cane cane nka bagenzi bacu b'abafaransa".
Umushikiranganji wa mbere Johnson yajanye n'umunyamabanga mushasha ajejwe imigenderanire, Liz Truss ashigikira akanavugira cane aya masezerano.
Mu nkuru yaciye mu kinyamakuru co mu Bwongereza Sunday Telegraph, umupfasoni Truss avuga ko aya masezerano yerekanye ko Ubwongereza bwiteguye guhagararira inyungu zabwo "n'inguvu zabwo zose" kandi ko azotanga ubuzi ku bahinga batari bake.
Australia yoyo irisigura ku ngingo yayo yo guhagarika amasezerano n'Ubufaransa igahitamwo aya Aukus.
Umushikiranganji wa mbere Scott Morrison arahakana ibirego vy'uko Australia yabeshe, akavuga ko Ubufaransa bwategerezwa kumenya y'uko Australia yari yiteguye guhagarika aya masezerano umwanya uwio ari wo wose.
Ejo ku wa Mungu, Morrison yavuze ati: "Iyi ni ingingo ishingiye ku kumenya nimba koko aya mato yariko arubakwa ku mafaranga menshi cane ava mu makori atangwa n'umunyagihugu wa Australia yari gukora igikorwa tuyakeneyeko mu gihe yari kuba atanguye gukoreshwa, umwihwezo wacu twakoze twisunze impanuro twahawe n'abajejwe igendereza n'ukwivuna abansi watweretse ko ataco yari gushikako".

Ahavuye isanamu, PA Media
Aya masezerano asigura ko Australia izoba ibaye igihugu kigize indwi kw'isi gifise amato y'intambara akoresha inguvu za nikleyeri, inyuma ya Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubuhindi.
Yiteze kandi gufasha ibi bihugu bicuditse guhanahana ubuhinga bwa none butandukanye mu bijanye n'ibikorwa vyo musi yinyanja.
Ariko, aya masezerano aranegurwa n'Ubushinwa bwagiriza ibi bihugu bitatu gufata "ingendo ya ca gihe c'intambara y'ukwikekana" (Guerre froide/Cold War).
Korea ya Ruguru nayo, igihugu gisanzwe gifise umugambi wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara ukurikiranirwa hagufi cane, iragabisha ko aya masezerano ashobora gutuma haba "ugusiganwa mu guhingura ibirwanisho vy'ubumara".
Ikinyamakuru ca reta KCNA casubiyemwo umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire avuga ati: "Ibi ni ibikorwa bibi cane bishobora gutuma ubwumvikane mu karere ka APAC (Asia-Pacific)buhungabana".










