Afghanistan: Indongozi z'aba-Taliban mu mpari ku kirimba c'umukuru w'igihugu - uko amasoko avuga

Mullah Abdul Ghani Baradar

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mullah Abdul Ghani Baradar kw'izina ry'aba-Taliban yashize umukono ku masezerano ya Doha yo kuvana ingabo za Amerika muri Afghanistan
    • Umwanditsi, Na Khudai Noor Nasar
    • Igikorwa, BBC Islamabad

Impari zikomeye zaradutse hagati y'indongoz z'aba-Taliban haheze iminsi mike bashinze reta muri Afghanistan, nk'uko hari abategetsi bakuru b'aba-Taliban babibwiye BBC.

Abashigikiye imigwi ibiri ikebana bivugwa ko bateranye amajambo ku kirimba c'umukuru w'ighugu ku murwa Kabul.

Izo mpari zoba zari zishingiye ku kumenya uwakoze kurusha abandi mu gutsinda Amerika, n'ingene ubutegetsi bwagabuwe muri reta nshasha.

Aba-Taliban barahakana ibivugwa.

Uwo mugwi wafashe ubutegetsi bwa Afghanistan mu kwezi guheze , kuva ico gihe ukaba waciye utangaza ko igihugu kibaye "Emirat ya ki Islam" (Islamic Emirate) .

Reta yabo nshasha igizwe n'abagabo gusa kandi irimwo abakurubakuru mu ndongozi z'aba-Taliban , bamwe mbere bazwi cane mu bitero ku ngabo z'Abanyamerika mu myaka 20 iheze.

Uko kutumvikana kwamenyekanye inyuma y'aho umwe mu bashinze umugwi w'aba-Taliban, Mullah Abdul Ghani Baradar, amariye iminsi atawumukubita ijisho.

Isoko rimwe ryo mu ba-Taliban ryabwiye BBC igisata c'ururimi rw'igi Pashto ko Baradar na Khalil ur-Rahman Haqqani - umushikirangani ajejwe impunzi akaba n'umwe mu bantu bakomeye cane mu mugwi wa Haqqani - bateraniye amajambo akarishe, mu gihe ababashigikiye bariko baterana ayandi iruhande yabo.

Umwe mu bategetsi b'aba-Taliban akorera muri Qatar hamwe n'umuntu azinanye cane n'abo biraba nabo bemeje ko habaye impari mu ndwi iheze.

Ayo masoko yavuze ko izo mpari zadutse kubera Baradar, icegera c'umushikiranganji wa mbere, atanezerejwe n'ingene reta yabo nshasha yubatse.

Izo mpari bivugwa ko zavuye kandi mu kutumvikana ku kibazo co kumenya uwari we mu ba-Taliban yokwitirirwa intsinzi muri Afghanistan.

Baradar bivugwa ko yemera ko hakwiye gushimikirwa ku bikorwa vy'imigenderanire (diplomatie) vyakozwe n'abantu nka we , mu gihe abo mu mugwi wa Haqqani - urongowe n'umwe mu bantu bakomeye cane mu ba-Taliban - n'ababashigikiye bavuga ko intsinzi yavuye mu rugamga.

Baradar yabaye indongozi ya mbere y'aba-Taliban yavuganye atawugiye hagati n'umukuru wa Amerika, aho yavuganye kuri terefone na prezida Donald Trump mu 2020. Imbere y'aho, kw'izina ry'aba-Taliban yari yashize umukono ku masezerano ya Doha kw'ivanwa ry'ingabo za Amerika muri Afghanistan.

Hagati aho, umugwi wa Haqqani ukomeye cane ufitaniye isano na bimwe mu bitero bikomeye cane vyakozwe ku ngabo za Afghanistan n'iz'urunani rw'abanyaburaya mu myaka iheze.

Amerika ifata uyu murwi ko ari umuhari w'iterabwoba.

Umukuru wawo, Sirajuddin Haqqani, niwe mushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu.

Ibihuha vyo kutumvikana vyatanguye gukwiragira ku ndwi iheze, igihe Baradar -umwe mu bantu bazwi cane mu ba-Taliban - yamara igihe atagarara ahabona.

Haravuzwe ku mbuga hwaniro ko yoba yarapfuye.

Amasoko yo mu ba-Taliban yabwiye BBC ko Baradar yari yavuye Kabul akagenda mu gisagara ca Kandahar kubera uko guhangana.

Mu majwi avugwa ko ari aya Baradar yagiye ahabona ku wa mbere, uwo ari mu bashinze umugwi w'aba-Taliban avuga ko yari yafashe urugendo".

Yavuze ati : "Aho turi hose muri iki gihe, tumeze neza".

BBC ntiyashoboye guhinyuza ayo majwi, yashizwe ku mbuga zitari nke zizwi z'aba-Taliban.

Aba-Taliban bemeza ko ata kutumvikana kwabaye kandi ko Baradar ari mu mutekano ariko ko yasohoye amatangazo avuguruzanya y'ivyo ariko arakora muri iki gihe.

Umuvugizi yavuze ko Baradar yagiye Kandahar kubonana n'indongozi kizigenza y'aba-Taliban , ariko mu nyuma abwira BBC Pashto ko "yari arushe yashaka kuruhuka".

Abanya-Afghanistan benshi barumva ko bafise imvo zumvikana zo kutizera ibivugwa n'aba-Taliban.

Mu 2015, uwo mugwi wemeye ko wanyegeje urupfu rw'uwawushinze Mullah Omar mu kiringo kirenga imyaka ibiri , caheze baguma basohora amatangazo kw'izina ryiwe.

Amasoko yabwiye BBC ko Baradar yari yitezwe kugaruka i Kabul kandi ko ashobora kuboneka kuri television kwemeza ko ata mpari zigeze ziba.

Haracari kandi kwibaza vyinshi ku mu komanda kizigenza w'aba-Taliban, Hibatullah Akhundzada, atarigera aboneka ahagaragara. Niwe ajejwe ibibazo vya poritike, gisirikare n'idini mu ba-Taliban.

Hagati aho umushikiranganji wa Afghanistan ajejwe imigenderanire vy'imfatakibanza ku wa kabiri yahamagariye abafasha Afghanistan gusubira gutanga imfashanyo, avuga ko amakungu adakwiye guha iyo mfashanyo intumbero ya poritike.

Amafaranga arenga miriyaridi y'ama dorari y'imfashanyo yeremerewe ico gihugu ku wa mbere, inyuma y'aho ONU igabishirije ko hari "akaga kimirije".

line