Rwanda: Umukuru w'umugambwe RPD Christopher Kayumba yahagaritswe

Ahavuye isanamu, CHRISTOPHER KAYUMBA/FACEBOOK
Itangazo rya RIB (Rwanda Investigation Bureau) ku rubuga rwa Twitter rivuga ko ryapfunze Dr Christopher rimwagiriza ivyaha vyo gukoresha imibonano mpuzabitsina abantu batandukanye ku gahato.
Uwo mukuru w'umugambwe wa Rwandese Platform for Democracy' (RPD) utavuga rumwe na reta yari yitavye umutahe wa RIB kuri uyu wa kane kugira yisigure kuri ivyo vyaha yagirizwa.
Dr Christopher Kayumba yari yashize uwo mugambwe mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.
Inyuma y'imisi 11 gusa ashinze uwo mugambwe, yaciye arengukishwa mu rwego rujejwe kugira amatohoza mu Rwanda yagirizwa gukoresha imibonano mpuzabitsina abantu batandukanye ku gahato.
Bamwe bavuga ko ari ikirego'gifise ivyinyegeje inyuma' mu gihe umunyamategeko wiwe yavuga ko ibimenyetso ari co kintu gikomeye ku birego nk'ibi.
Itariki 16 z'ukwezi kwa gatanu, umugambwe RPD wa Kayumba watangaje ko uvutse, bukeye itariki 17 kuri Twitter hatangazwa inkuru ivuga ko Dr Kayumba yagerageje gufata ku nguvu umukobwa yigisha mw'ishure ryo kumenyeshama amakuru amusanze muhira iwe.
Inyuma y'imisi cumi, hataramenyekana izina ry'uwuvga ko yamuhohoteye, umumenyeshamakuru Fiona Muthoni Ntarindwa yanditse kuri Twitter ko ari we Kayumba yashatse gufata ku nguvu mu 2017.
Fiona yemeje ko ari we avugwa mu ruhererekane rw'inyandiko yanditswe kuri Twitter na Kamaraba Salva, ivuga ko yagiye kuraba Kayumba ngo bavugane ivyerekeye ishure, ngo 'asanga ameze nk'uwaborewe' ashaka kumufata ku nguvu, ariko aramwiyaka arahunga.
Christopher Kayumba, na we kuri Twitter, yariyamirije ivyo bamwagiriza, avuga ko bifise intumbero 'yogutanga isura mbi ku vyiyumviro vyo gutanguza' umugambwe uharanira demokarasi.






