Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Uwahoze atwara igihugu Ashraf Ghani yasavye imbabazi z'uko yahuze
Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Afghanistan Ashraf Ghani yasavye imbabazi abanya-Afghanistan inyuma yo kuva mu gihugu akaja mu buhungiro muri Emirats Arabes Unis (United Arab Emirates).
Yavuze ari : "Kuva muri Kabul niyo yabaye ngingo ya mbere igoye cane mu buzima bwanje," aca yongerako ko asavye imbabazi kuko "ntabona ukundi ryari kurangira".
Uwahoze ari umukuru w'igihugu Ghani yahunze Afghanistan ubutarariye igihe aba-Taliban bari basugereje umurwa mukuru Kabul ku wa 15 ukwezi kw'umunani.
Avuga ko atifuza guheba abanyagihugu ariko ko "yari yo nzira yonyene".
Mw'itangazo yashize no kuri Twitter ku wa gatatu, Ghani yavuze ko ata kundi yari afise yari kugira atari ukuva mu gihugu kugira ntihabe intureka mu gihugu cose.
"Nahavuye ndabisabwe n'bajejwe umutekano ku kirimba, bangiriye inama ko kugumaho vyotuma haba intambara yo mu mabarabara nk'uko vyagenze mu gisagara igihe c'intambara yo hagati mu gihugu mu myaka ya 1990", abandanya avuga ko yabikoze kugira "akize Kabul n'abantu imiriyoni 6 bayibamwo".
Yavuze ko yari amaze imyaka 20 yitanga kugira Afghanistan kibe igihugu kirangwa na "demokrasi, kiroraniwe kandi cigenga".
Uyo yahoze ari umukuru w'igihugu yongeye guhakana "ibitagira aho bishingiye" bivugwa ko yahunganye amafaranga angana na miriyoni 169 z'ama dorari (hafi miriyaridi 338 mu mafaranga y'Uburundi).
Uwo mugabo w'imyaka 72, yaneguwe cane n'abandi banyaporitike bo muri Afghanistan kubera guta igihugu, yavuze ko azosigura "ingene ibintu vyagenze gushika aho ata akagenda" mu minsi mike iri imbere.
Mw'ijambo ry'ikibiriraho kuri Facebook ku wa 18 ukwezi kw'umunani, Ghani yavuze ko "yahatiwe" kuva muri Afghanistan n'abamucungerera umutekano kuko "hari ivyago vyinshi ko nashobora gufatwa nkicwa".
Yavuze ko igihe aba-Taliban binjira ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Kabul, "batanguye kundondera icumba ku kindi".
Ahakana ibivugwa ko yagiye atwaye amafaranga menshi mu guhunga igihugu, Ghani yavuze ko "atemerewe no gukura isandari ngo yambare ibirato".
Muri iyi ndwi, aba-Taliban bamaze indwi zitatu bafashe igihugu, baratangaje abagize reta ata mugore n'umwe arimwo.
Ku wa gatatu, abagore baharurwa mu mirongo muri Kabul no mu ntara ya Badakhshan yo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Afghanistan baragize imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo reta nshasha bavuga ko batazokwemera reta itagiramwo abashikiranganji b'abagore.