Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivory Coast: umutumire wa televiziyo yateye uburakari mu kwerekana ingene yafata abagore ku nguvu
Televiziyo yo muri Côte d'Ivoire yasavye imbabazi inyuma y'ikiganiro c'umugabo avugwa ko yafata abagore ku nguvu, akaba yabonetse ariko yerekana ingene yabigenza akoresheje ikibumbano (mannequin).
Umumenyeshamakuru yaritwengeye n'agahemo mu gihe yafasha uyu mugabo kuryamika ico kibumbano hasi.
Inyuma y'aho, uyu mugabo yarasabwe gutanga impanuro ku bagore kugira ngo bashobore kwirinda gufatwa ku nguvu.
Abantu bangana na 30.000 bateye igikumu ku rwandiko rusaba ko ico kiganiro gihagarikwa kuri iyo mboneshakure yigenga, Nouvelle Chaîne Ivoirienne (NCI).
Umushikiranganji ajejwe ibibazo vy'abakenyezi Nassénéba Touré ari mu bateye igikumu bakavuga ko ikiganiro cerekanywe ku wa mbere giteye kubiri n'utwigoro tw'ico gihugu two kurwanya ingeso yo gufata abagore ku nguvu.
Umumenyeshamakuru, Yves de M'Bella, yarasavye imbabazi inyuma y'iki kiganiro cerekanywe mu masaha haba hari abantu benshi bakurikira televiziyo, ariko akaba yarahagaritswe vy'agateganyo.
Uburongozi bw'ico kinyamakuru buvuga ko bwiyemeje kwubahiriza agateka ka zina muntu, cane cane akageta k'abakenyezi.