Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hakainde Hichilema: Prezida wa Zambia aratanga icizere ku batavuga rumwe na reta muri Afrika
Umunye politike amaze imyaka myinshi atavuga rumwe na reta Hakainde Hichilema yarahiriye amabanga y'umukuru w'igihugu ku kibuga cuzuyemwo isinzi ry'abantu ku mugwa mukuru Lusaka.
Itorwa ryiwe ryongereje icizere kuri bagenzi we bo mu bindi bihugu vya Afrika ko na bo bashobora kwihanganira agacinyizo k'ayo mareta gushika aho umusi umwe na bo bashikira ubutegetsi.
Mu kiringo kirekire amaze muri politike aho yananiwe incuro zitanu zose kuba prezida, Hichilema yarakubaguwe, araterwa ivyuka bikoroza amosozi mbere aranapfungwa azira guteza isanganya mu 2017, aho yagirijwe ubugambanyi aho imiduga imuherekeje yanse kubisa urukurikirane rw'imodoka za prezida Edgar Lungu.
Ariko mu buryo butangaje, uwo mugabo yigeze kwitwa umwansi w'igihugu agiye kurahira nka prezida wa Zambia agira indwi inyuma yo gutsinda Lungu mu matora aheruka y'umukuru w'igihugu yabahuje ari babiri ku wa 12 ukwezi kw'umunani.
Uwutavuga rumwe na reta ya Tanzania Tundu Lissu, yahatswe kwicwa mu 2017 arashwe incuro 16 n'abantu avuga ko bakorera reta yagize ati:"Ibi biratanga icizere cane."
Yongeyeko:"Abanye Zambia batweretse ko bishoboka, tutitayeho ivyo badukorera vyose canke amahigwe."
Lisu yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu na nyakwigendera John Magufuli, avugwa ko yabayemwo ubusuma.
Mu nyuma yaciye ahunga igihugu mu gihe abajejwe umutekano bariko barategura kumufata.
Bamwe mu bo bari kumwe mu mugambwe wa Chadema harimwo n'uwuwurongoye Freeman Mbowe, barapfunzwe imbere yo kurekurwa.
Mu kwezi kwa gatanu, Mbowe yaragirijwe ivyaha vy'iterabwoba. Abamushigikiye bavuze ko azira "ivyiyumviro vya politike" kuko yaharanira ko haba ibwirizwa shingiro rishasha.
Nk'uko bivugwa n'uwutavuga rumwe na reta ya Tanzania Zitto Kabwe, ibwirizwa shingiro rishasha riha ubwigenge akanama kajejwe gutegura amatora ni ryo ryonyene ryotuma abatavuga rumwe na reta bagira amahirwe mu matora ari imbere.
Yongeyeko ati:"Muri Zambia, bisa n'uko demokrasi ishira imbere ivyipfuzo vy'abanyagihugu gusumba mu bindi bice vya Afrika.
"Kuba igisirikare, igipolisi, iperereza n'akanama kajejwe gutegura amatora bishira imbere ishaka ry'abanyagihugu, n'ubutumwa bukomeye cane burungikiwe umugabane wose wa Afrika."