Virginia Giuffre: Umuganwa Andrew yashingishirijwe urubanza rw'indishi n'uwumwagiriza muri US

Ahavuye isanamu, Virginia Roberts
- Umwanditsi, Na George Bowden hamwe na Hazel Shearing
- Igikorwa, BBC News
Umugore wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ( US) avuga ko yajanywe mu Bonwgereza afise imyaka 17 kugira asambane na Duc (Duke) wa York yashingishije urubanza rw'indishi i New York avuga ko yamuhohoteye.
Virginia Giuffre, yari umwagiriji w'uwahamwe n'ivyaha bijanye n'igitsina Jeffrey Epstein, avuga ko yagiriwe ibikorwa bijanye n'igitsina atavyemeye n'Umuganwa Andrew i Londres na New York.
Umuvugizi w'Umuganwa Andrew, ubu afise imyaka 61, yavuze ko "ata kihari" co gushikiriza kui urwo rubanza, rwashingishijwe hisunzwe Itegeko rya New York rigenga abana bahuye n'ivyago ( New York's Child Victims Act).
Umuganwa Andrew ntiyigeze ahengashanya guhakana ibivugwa na Giuffre.
Urwo rubanza rwemeza ko umuganwa yahohoteye mu buryo bw'igitsina Madame Giuffre -ico gihe yari azwi nka Virginia Roberts - mu rugo rw'uwakorana na Epstein Ghislaine Maxwell , no mu ngo za Epstein i Manhattan na Little Saint James mu mazinga ya Virgin ya Amerika.
Urwo rubanza rushingira ku kwemeza ko uwo muganwa yakoze ibikorwa bijanye n'igitsina uwo mukobwa atavyemeye, kandi yari zi imyaka afise uko ingana kandi ko yari azi ko ''yari uwahuye n'ivyago vy'urudandazwa rujanye n'igitsina".
Ruvuga ko "inyifato irengeje kandi yeruye" ibandanya gutera Giuffre, ubu afise imyaka 38, "ihungabana rikomeye".
Inyandiko y'urwo rubanza igira iti: "Muri iki gihugu, nta muntu n'umwe, yaba umukuru w'igihugu canke umuganwa, hatarabwe kuba ata bushobozi ufise canke ko uri intege nke, ashobora kwamburwa uburenganzira bwo gukingirwa n'amategeko.
"Haraheze imyaka 20 Umuganwa Andrew, ku butunzi bwiwe, ububasha, igihagararo n'imigenderanire yari afise bimufashije guhohotera uwana yari atekewe n'ubwoba kandi w'intege nke atagira n'umwe amukingira. Igihe kibaye kirekire kugirango abibazwe."
Agira ico avuze ko bivugwa na Madame Giuffre mu 2019, Umuganwa Andrew "yavuze ko bitigeze biba".
Yabwiye ikiganiro BBC Newsnight ati: "Nta vyabaye. Ndashobora kubabwira nshimitse nivuye inyuma ko bitigeze biba. Jewe nta na hamwe nibuka twarahuriye n'uwo mukobwa, nta na hamwe."
Mu rindi tangazo ryasohotse mu nyuma, Umuganwa Andrew yavuze ati: "Ndabandanya kwicuza ukwihenda kwabaye mu guhuzwa na Jeffrey Epstein.
"Kuba yariyahuye vyatumye hasigara ibibazo vyinshi bitagira inyishu, cane cane ku bo yateye ingorane, kandi ndifatanije cane n'uwo wese yagizweko ingaruka kandi nifuza ko ibintu vyohera.
" Nizeye gusa ko, uko umwanya uzohaca ariko bazoshobora gusubira kwubaka ubuzima bwabo. Cane, nditeguriye gufasha urwego urwarirwo rwose rwo kwubahiriza amategeko mu matohoza yarwo, bibaye nkenerwa."

Umwihwezo wa Jonny Dymond, akurkirana amakuru y'i bwami
Ibivugwa na madame Giuffre n'Umuganwa Andrew bitandukanye nk'imisozi itazopfa yarahuye.
Umuganwa Andrew avuga ko atibuka ko bigeze bahura na madame Giuffre, kandi ko batigeze basambana.
Ariko, hari ifoto imwerekana neza ashize ukuboko kuri madame Giuffre mu kibanza musaza wa Ghislaine Maxwell , Ian, yemeza ko gisa cane n'iznu yiwe i Londres ico gihe.
Bamwe mu "bagenzi" ba Andrew bavuga ko iyo foto atari iyo ukuri. Ariko nta kigaragaza ko ivyo ari vyo.
Umwe mu bantu begereye umuganwa yabwiye BBC ubu vuba ko hari insiguro yoroshe gusumba - ko yabonanye n'abantu ibihumbi n'ibihumbi, ko rero igihe yabonana na madame Giuffre , atashobora kumwibuka.
Umuganwa Andrew yavuze ko azofasha inzego zubahiriza amategeko gukora amatohoza yerekeye Jeffrey Epstein. Abamwunganira biyamirije bavuye inyuma ivyavuzwe n'umushikirizamanza wa Amerika muri District yo mu bamanuko ya New York ko atigeze atanga ubufasha.
Urubanza rwashingishijwe uyu munsi rero baja kurubona nk'ingendo yo gukoresha amategeko kugira bamushikire gutyo bagerageze ivyo bashobora vyose kugira ntirurenge aho.


Ahavuye isanamu, Reuters
Urwo rubanza rushasha ruvuga ko umuganwa n'abamuhagarariye banse ivyo basabwe vyo gutanga ''ibintu vyose bifadika, insiguro z'ingene ibintu vyagenze boba bafise, hamwe no kuraba izindi nzira zo kurangiza ayo matati".
Uru rubanza rwa Madame Giuffre ni urubanza rusanzwe rwashingishijwe n'umuntu rugamije indishi y'akababaro y'amafaranga , bitandukanye n'urubanza rw'ivyaha rushingishwa n'umushikirizamanza.
Arick Fudali, akorana n'ikigo c'abanyamategeko i New York, Bloom, cahagarariye cenda mu manza z'abitwariye Epstein, yabwiye ikiganiro Today ca BBC Radio 4 ati ''bene izo manza ari nke cane zishika mw'iburanishwa" ariko hari ''amahirwe mato'' ko urwo rushikayo.
Mu bishoboka bindi ni uko rurangizwa imbere y'igihe , umucamanza akarutesha agaciro, canke uwitwaye agasokora urubanza.
Madame Melissa Murray, umwigisha w'amategeko kuri kaminuza ya New York , avuga ko Umuganwa Andrew ''ashobora kugwa mu kamashu ko gutanga amafaranga menshi y'indishi y'abababaro".
Yabwiye BBC ati: " Ibi ntibiva ko Umuganwa Andrew azoba canke atazoba yaciriwe umunyororo,- nta vyaha akurukiranwako muri uru rubanza."
Abajijwe uko amahirwe angana kugira uru rubanza ruzoshike mw'iburanishwa, yavuze ko abafasha Umuganwa Andrew barajwe ishinga gusumba " n'igihe kitari ciza" ruziye, kuko Madame Maxwell yimirije kuja imbere ya sentare mu kwezi kwa 11.
Yahakanye ivyaha aregwa ko yakoranye na Epstein mu guhohotera abakobwa bane batari bwakwize imyaka.
Umwigisha Murray yavuze ati : "Mu gihe harindiriwe uru rubanza rusanzwe, nawe akaba yimirije kuja imbere ya sentare ku vyaha, igitutu gishibora kuba kinini - mbere n'agatimatare- kuri we kugira afashanye n'abashikirizamanza b'igihugu hanyuma kumbure atange amakuru menshi ku bantu bose bari mu muzingi wa Jeffrey Epstein, kandi aho hasobora kubamwo, uko bivugwa, umuganwa ubwiwe."











