Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South Africa: Jacob Zuma yakatiwe gupfungwa amezi 15 na sentare nkuru
Umukobwa w'uwahoze ari umukuru wa Afrika y'Epfo Jacob Zuma yavuze ko se yiteguriye kwubahiriza umunyororo w'amezi 15 yaciriwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, nk'uko bivugwa na News24 isubiramwo ivyanditswe na Duduzile Zuma kuri twitter.
Yanditse ati : "Haba mu gihe ca guma mu rugo canke kitahaba, tuzoguherekeza gupfungwa igihe waciriwe,'' yongerako ko se ''yiyumva neza kandi nta bwoba afise''.
Urwo rubanza aruciriwe inyuma y'aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro imuhamirije icaha co kugayana, inyuma y'aho yankiye kwitaba umugwi wariko uragira amatohoza ku giturire yagirizwa igihe yari akiri ku butegetsi.
Ubutegetsi bwa Zuma, bwarangiye mu 2018, bwaranzwe no kuvugwako ibiturire.
Abagwizatunga baragirijwe gukorana n'abanyepolitike mu ntumbero yo gufata ingingo ziborohereza.
Uwo yahoze ari prezida yitavye uwo mugwi rimwe gusa kubazwa ku ciswe "gufatwa bugwati kw'igihugu", ariko aca ararahira gusubira kwitaba.
Abagira ayo matohoza - barongowe n'umunyamategeko Raymond Zondo - basavye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro gufata ingingo.
Zuma yahawe imisi itanu yo kwishikana we nyene ku gituro c'igipolisi. Mu gihe atobikora, umushikiranganji ajejwe umutekano ategerezwa gutegeka ko ahagarikwa.
Uwurongoye sentare nkuru mu kiringo mfatakibanza, Sisi Khampepe, yamwagirije ibintu bikomeye muri urwo rubanza.
Yagize ati: "Zuma yaragararije kwitaba ubutungane kwisigura ku nyifato yiwe, ahubwo ahitamwo kuvuga amajambo y'agasotoro, ata ho ashingiye kandi y'ibitutsi afise intumbero yo gusuzugura ubutungane.
"Nta kundi nogira kiretse gucira urubanza Zuma rwo gupfungwa, mu cizere ko bitanga ubutumwa butaziguye… ko itegeko n'ubutungane bigifise ijambo."
Vyitezwe ko abashigikiye Jacob Zuma baja ku muhana iwe I eNkandla kwerekanaka ko bamushigikiye banagire umuzingi ku ruzitiro rw'iyo nyubakwa kuva ejo.
Amategeko agenga amabohero muri Afrika y'epfo asaba umuntu yaciriwe urubanza gukora kimwe ca gatatu c'igipfungo imbere y'uko atezurirwa.
Icaha Zuma yagirizwa co gusuzugura sentare, gifatwa nk'icaha gito. Ntiyopfungwa amezi arenga abiri igihe we nyene yoba yishikanye.
Mu rundi rubanza, Zuma yarahakanye kugira uruhara mu giturire kivugwa c'imiriyaridi 5 z'amadolari, mw'isoko ry'ibigwanisho kuva mu myaka ya 1990.
Zuma n'abo bakoranye bashimika mu kwemeza ko urwo rubanza ari urwa poritike.
Kuko Zuma ashimika avuga ko vyose bifatiye ku bantu barondera kumugirira nabi barimwo abansi mu mugambwe uri ku butegetsi ANC mbere no hanze yawo.
Ariko bimaze kugaragara cane ko ibiturire vyimonogoje mu kiringo c'imyaka 10 yamaze ku butegetsi, ubu abanya-Afrika y'Epfo benshi ico barindiriye akaba ari uko ubutungane bukora.