USA: Umugabo yakorotse ava mu ndege vyanse ko yinjira mu cumba c'abadereva

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo yarasimvye ava mu ndege iriko iragenda ku kibuga c'indege ca Los Angeles inyuma y'aho ageragereje kwinjira mu cumba c'abadereva ariko akananirwa.
Igisata kijejwe ingendo z'indege, Federal Aviation Administration (FAA), muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko uyo mugabo atamenyekanye yuguruye umuryango w'indege ahunga aciye mu muryango w'ubutabazi (emergency), hari ku wa gatanu.
Yaciye ahagarikwa aca ajanwa kwa muganga kubera yakomeretse.
Ibikorwa bibi bigenda vyiyongera mu ngendo z'indege muri Amerika. Muri uno mwaka, hamaze kuba ibiharurwa mu 3000.
Ivyabaye ku wa gatanu vyashitse ari isaha imwe n'iminota 10 z'ijoro mu masaha yo muri Amerika mu ndege y'ikompanyi SkyWest Airlines yatera ija mu gisagara ca Salt Lake City.
Abakozi bo muri iyo ndege bavuga ko babonye ingenzi ihaguruka iva mu kibanza yarimwo mu gihe iyo ndege yariko igendera hasi mu kwitegurira kuguruka. Bavuga ko yakubise ku muryango w'icumba c'abadereva imbere y'uko asohoka aciye mu muryango w'ubutabazi, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru NBC.
Mu nyuma iyo ndege yaciye isubira mu kibanza cayo c'iruhukiro.
Abategetsi batanguje amatohoza ku vyabaye n'icatumye iyo ngenzi ikora ivyo.
Mu ntango z'uku kwezi, ikigo FAA catangaje ko amatohoza cari kimaze gukora ku bikorwa bibi vyo guhonyanga amategeko ajanye n'ingendo z'indege yiyongereye cane kuva gitanguye kuvyegeranya mu 1995. Vyinshi muri ibi bifitaniye isano n'abantu banka kwambara udupfukamunwa mu ndege.
Iki kigo kivuga ko gushika ku wa 25 z'ukwa gatanu hibonekeje ibibazo vy'ingenzi 394 zivugwa ko "zashatse kwivanga mu kazi k'abakozi b'indege".
Iki gitigiri kirenga incuro zibiri ico mu mwaka uheze, aho ibikorwa bibi nk'ibi bingana 183 ari vyo vyakorewe amatohoza.










