Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Colombia: kajugujugu y'umukuru w'igihugu Iván Duque yatewe amasasu
Kajugujugu yari ireruye umukuru w'igihugu ca Colombia yatewe amasasu igihe yariko izunguruka hafi y'urubibe ico gihugu gihana na Venezuela.
Perezida Iván Duque yariko azunguruka mu karere ka Cúcuta kari mu ntara ya Norte de Santander, ari kumwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi, uw'intwaro yo hagati, hamwe na buramatari w'iyo ntara.
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu avuga ko ata n'umwe yahasize ubuzima canke yakomeretse.
Perezida Duque ariyamiriza ico yita "igitero c'ubuhemu", anavuga ko ata bwoba atewe "n'ibi bikorwa bibi vy'iterabwoba".
Mw'ireresi yacishije ku rubuga rwa Twitter, yavuze ati: "Igihugu cacu kirakomeye kandi Colombia irafise inguvu zihagije zo guhangana n'iterabwoba nk'iri". Yongerako y'uko inzego z'umutekano zahawe itegeko ryo guhiga abakoze iki gitero.
Ikinyamakuru co muri ico gihugu Semana, candika ko abari muri iyo ndege bumvise ikintu gikubita imoteri y'iyo kajugujugu igihe yariko irururuka.
Umuhari Armée de libération nationale/National Liberation Army (ELN) uzwi ko ari wo usanzwe urwanira mu karere ka Catatumbo kari ku rubibe Colombia ihana na Venezuela.
Uyu muhari ELN washinzwe mu 1964 mu ntumbero yo kurwanya ubusumbane buri mw'isaranganya ry'ubutaka n'ubutunzi bw'ico gihugu umutungo, niho muhari w'inyeshamba ukomeye muri ico gihugu.
Colombia, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya bifata ELN nk'umuhari w'iterabwoba.
Mu ntango z'uku kwezi, ELN yariyamirije amakuru yavuga ko ari yo yakoze igitero c'ubwiyahuzi hakoreshejwe ibibombe bitezwe mu modoka kw'ikambi ya gisirikare iri ahitwa Cúcuta.
Ico gitero cakomerekeyemwo abantu 36, harimwo n'abahanuzi ba gisirikare b'abanyamerika.