Colombia: kajugujugu y'umukuru w'igihugu Iván Duque yatewe amasasu

Perezida Iván Duque ariyamiriza iki gitero avuga ko ari i'ubuhemu

Ahavuye isanamu, EPA/President of Colombia

Insiguro y'isanamu, Perezida Iván Duque (hagati) ariyamiriza iki gitero avuga ko ari i'ubuhemu

Kajugujugu yari ireruye umukuru w'igihugu ca Colombia yatewe amasasu igihe yariko izunguruka hafi y'urubibe ico gihugu gihana na Venezuela.

Perezida Iván Duque yariko azunguruka mu karere ka Cúcuta kari mu ntara ya Norte de Santander, ari kumwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi, uw'intwaro yo hagati, hamwe na buramatari w'iyo ntara.

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu avuga ko ata n'umwe yahasize ubuzima canke yakomeretse.

Perezida Duque ariyamiriza ico yita "igitero c'ubuhemu", anavuga ko ata bwoba atewe "n'ibi bikorwa bibi vy'iterabwoba".

Mw'ireresi yacishije ku rubuga rwa Twitter, yavuze ati: "Igihugu cacu kirakomeye kandi Colombia irafise inguvu zihagije zo guhangana n'iterabwoba nk'iri". Yongerako y'uko inzego z'umutekano zahawe itegeko ryo guhiga abakoze iki gitero.

Amasanamu yasohowe na reta ya Colombia yerekana ibitorobo vy'amasasu muri iyo ndege

Ahavuye isanamu, Presidency of Colombia/Reuters

Insiguro y'isanamu, Amasanamu yasohowe na reta ya Colombia yerekana ibitorobo vy'amasasu muri iyo ndege
Nta n'umwe yasize ubuzima canke yakomerekeye muri iki gitero

Ahavuye isanamu, Presidency of Colombia/Reuters

Insiguro y'isanamu, Nta n'umwe yasize ubuzima canke yakomerekeye muri iki gitero

Ikinyamakuru co muri ico gihugu Semana, candika ko abari muri iyo ndege bumvise ikintu gikubita imoteri y'iyo kajugujugu igihe yariko irururuka.

Umuhari Armée de libération nationale/National Liberation Army (ELN) uzwi ko ari wo usanzwe urwanira mu karere ka Catatumbo kari ku rubibe Colombia ihana na Venezuela.

Uyu muhari ELN washinzwe mu 1964 mu ntumbero yo kurwanya ubusumbane buri mw'isaranganya ry'ubutaka n'ubutunzi bw'ico gihugu umutungo, niho muhari w'inyeshamba ukomeye muri ico gihugu.

Colombia, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya bifata ELN nk'umuhari w'iterabwoba.

Mu ntango z'uku kwezi, ELN yariyamirije amakuru yavuga ko ari yo yakoze igitero c'ubwiyahuzi hakoreshejwe ibibombe bitezwe mu modoka kw'ikambi ya gisirikare iri ahitwa Cúcuta.

Ico gitero cakomerekeyemwo abantu 36, harimwo n'abahanuzi ba gisirikare b'abanyamerika.