Pablo Escobar: Kubera iki abahinga bashaka kwica imvubu zo muri Colombia

Imvubu kuri Hacienda Napoles mu 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Izi mvubu zinjijwe mu gihugu na Pablo Escobar azishira mu bwororero bwiwe bw'ibikoko vyo mw'ishamba zararwiriye zica zishwara inzuzi zo muri ico gihugu
    • Umwanditsi, Na Fernando Duarte
    • Igikorwa, BBC

Pablo Escobar ni izina abanyakolombiya babandanya barondera kwibagira kuva imyaka 30 iheze.

Nk'umwe mu nkozi z'ikibi karuhariwe kw'isi, niwe yashinze uruganda rw'ibiyovyabwenge rwiswe Medellín Cartel mu myaka ya 1980, ruzwi mu kunyuruza abantu, ibitero vy'amabombe n'ubwicanyi bw'agahomerabunwa.

Harabaye igihe yari azwi ko yari we mutunzi wa mbere kw'isi.

Ariko kandi, uyu yahoze ari umucuruzi w'ibiyayuramutwe azwi n'abahinga ko yahungabanije bikomeye ibidukikije.

Igico c'imvubu zinjijwe mu gihugu na Escobar akazishira mu kigo ciwe bwite c'iyororero ry'ibikoko vyo mw'ishamba zararondotse cane ku buryo, nk'uko bivugwa n'abahinga, ziriko zirakwiragira muri rumwe mu nzuzi zitunze igihugu, uruzi Magdalena.

Mu kwezi guheze, ubushakashatsi bwatangajwe mu kinyamakuru c'ibidukikije, Biological Conservation journal, buvuga ko kwica izi nyamaswa ari bwo buryo bwonyene bwo kuzibira ingaruka mbi zazo ku bidukikije.

Umwe mu bakoze ubu bushakashatsi, Nataly Castelblanco, yabwiye BBC ati: "Turumvira impuhwe izi nyamaswa, ariko nk'abahinga ni ngombwa ko tuvugisha ukuri. Imvubu zirateye umutekano muke muri Kolombiya kandi mu gihe tutokwica zimwe muri zo, ibintu bishobora kuyangara mu myaka 10 canke 20 iri imbere".

Irwirirana ry'iciswe "imvubu za kokayine" (cocaine hippos) ryatanguye mu 1993 inyuma y'aho abategetsi biciye Pablo Escobar bagafata n'ikirimba ciwe kiri ku birometero hafi 250 mu buraruko bushira uburengero bw'umugwa mukuru Bogotá.

Inyamaswa basanzeyo zaciye zikwiragizwa mu bigo bitandukanye vy'inyamaswa zo mw'ishamba bikwiragiye mu gihugu cose, ariko izi mvubu zozo ntibazikozeko.

Umupfasoni Castelblanco avuga ati: "Vyari ibintu bigoye kuzimura, rero abategetsi bazirekeye aho zari, bibaza kumbure ko zari gushobora gupfa".

Ahubwo zabandanije zirwira.

Haraciye imyaka itari mike abahinga bagerageza guharura imvubu ziri mu mazi ya Kolombiya, zikaba ziharurwa hagati ya 80 na 120.

Carlos Valderrama, umuhinga mu kubungabunga no mu buvuzi bw'inyamaswa, yabwiye BBC ati: "Ni co gitigiri kinini cane c'imvubu hanze ya Afrika".

Hacienda Napoles ni kimwe mu birimba biteye igomwe vyahoze ari ivya Pablo Escobar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hacienda Napoles ni kimwe mu birimba biteye igomwe vyahoze ari ivya Pablo Escobar

Ibi bitigiri vyitezwe kuduga. Umupfasoni Castelblanco na bagenziwe babona ko gushika mu 2034 zizoba zirenga 1400 mu gihe batozigabanya - zose zikaba zavyawe n'umurwi w'ingabo hamwe n'ingore zitatu gusa.

Muri ubwo bushakashatsi, bategekanya ko buri mwaka imvubu 30 zokwicwa canke zigakonwa kugira ngo ivyo ntibibe.

Umupfasoni Castelblanco asigura ko izo "mvubu za kokayine" zaciye mu bihe vyiza vyazitumye zirondoka cane zikiyongera. Muri Amerika y'Ubumanuko, nta nyamaswa zindi zizihiga, ibi bikavuga ko zishobora kuvyara mu buryo bworoshe.

Eka n'ikirere naco nyene kirazorohereza: muri Afrika, ntibizorohera kurwira kubera izuba ryinshi, iyi ngorane ikaba atayiriho muri Kolombiya. Umupfasoni Castelblanco avuga ko ikirere c'aho zituye muri Amerika y'Ubumanuko kizorohereza cane ku buryo ubushakashatsi bwerekana ko zitangura kuvyara zikiri nto.

Abahinga bavuga ko igitigiri c'imvubu gishobora gushika kuri 1400 mu myaka icumi iri imbere mu gihe zitogabanywa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abahinga bavuga ko igitigiri c'imvubu gishobora gushika kuri 1400 mu myaka icumi iri imbere mu gihe zitogabanywa

Sibwo bwa mbere abahinga basavye ko inyamaswa zicwa. Ariko bamwe mu bahinga bariyamiriza iki ciyumviro.

Enrique Ordoñez, umuhinga kuri kaminuza y'igihugu ya Kolombiya, avuga ko izi "mvubu za kokayine" zitanga umwizero ko imvubu zishobora kubungabungwa kw'isi.

Amashirahamwe amwe amwe nk'Umuryango mpuzamahanga uharanira kubungabunga ibidukikije (International Union for Conservation of Nature, IUCN), afata ko izi mvubu ziri mu nyamaswa zigeramiwe kw'isi.

Yabwiye televiziyo CNN yo muri Amerika ko umugambi wo kuzitera ubugumba woba ari wo mwiza mu kurondera kugabanya irwirirana ryazo.

Gukora imvubu ni igikorwa kigoye cane kandi gishobora no guhitana ubuzima bw'umuntu nk'uko abahinga babivuga

Ahavuye isanamu, Courtesy of Carlos Valderrama

Insiguro y'isanamu, Gukora imvubu ni igikorwa kigoye cane kandi gishobora no guhitana ubuzima bw'umuntu nk'uko abahinga babivuga

Ariko rero ubwo buryo ntibworoshe na gato kandi burazimvye cane, Carlos Valderrama yarabigerageje. Mu 2009, yarakonye imvubu y'ingabo muri izo "mvubu za kokayine" nka kimwe mu bikorwa vyo kurondera inzira nyayo yo kugabanya irwirirana ryazo.

Avuga ati: "Aha turiko tuvuga inyamaswa ishobora gupima itoni zitanu kandi ikaze cane. Twari twayiteye umuti wo gusinziriza, ariko nticabujije ko itembagaza ikimashini twariko turakoresha".

Uyu muhinga avuga ko icigwa nyamukuru bakuye muri iryo gerageza ari uko ukuzikona vyonyene atari wo muti - cane cane dufatiye ku giciro c'ibihumbi 50 vy'amadorari. Ibiharuro biva muri reta vyerekana ko inyamaswa zine zo nyene ari zo zashoboye guterwa ubugumba kuva mu 2011 gushika 2019.

Valderrama ati: "Nyinshi muri izi nyamaswa ziba mw'ishamba. Rero ntivyoroshe gushikira zose. Aho nyene zizobandanya zivyara".

Ikibazo giteye impari

None ni igiki kibujije abategetsi gufata ingingo ruhasha? Inyishu ya hafi ni: abanyagihugu.

Inyuma y'aho ibinyamakuru vya Kolombiya bitangarije ubu bushakashatsi, umuhinga Nataly Castelblanco yaciye atangura guterwa ubwoba.

"Hari abantu bashavura cane iyo urinze uvuga nabi izi mvubu. Iyo tuvuze ingaruka zazo ku biterwa canke ibikoko bitobito, abantu basa n'abatahura izi mvubu zisanzwe zikundwa n'abantu benshi".

Abanyakolombiya benshi bararwanya umugambi wo kwica izi "mvubu za kokayine", nk'iyi yitwa Vanessa ingenzi zariko zifata isanamu mu 2009

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanyakolombiya benshi bararwanya umugambi wo kwica izi "mvubu za kokayine", nk'iyi yitwa Vanessa ingenzi zariko zifata isanamu mu 2009

Imvubu kandi zirica, mbere zikunze kuboneka ku ntonde z'inyamaswa zica kw'isi. Mu 2016, BBC yatangaje ko zishe abantu n'imiburiburi 500 mu mwaka umwe muri Afrika.

Nta we zirica muri Kolombiya, ariko mu kwa gatanu kw'umwaka uheze, ibinyamakuru vyo muri Kolombiya vyatangaje ko hari umurimyi yakomerekejwe cane n'imvubu mu gisagara kiri hafi ya Hacienda Napoles.

Hagati aho, abanyagihugu bararakaye cane igihe abasirikare ba Kolombiya barasiye imvubu yitwa Pepe mu 2009, yaboneka ko iteye umutekano muke ku banyagihugu. Ibi vyatumye abategetsi bashinga itegeko ryo gukingira izi mvubu, iyi ikaba ari intambamyi ku mugambi uwo ari wo wose wo kuzica.

David Echeverri, umuhinga akora mw'ishirahamwe rya Kolombiya ry'ibidukikije, Conare, aremeza ko abanyagihugu ari intambamyi. Yabwiye BBC ko umugambi wo kuzica wari waganiriweko, ariko ko kwica izi mvubu ari ikintu kitariko kirashoboka ubu.

Ati: "Ni ikibazo giteye impari mu bantu, ari co gituma ari ngombwa ko turondera ubundi buryo".