Umugore w'Umutalianokazi yikanguye amaze amezi 10 muri coma

Umugore w'umutalianokazi yavuye muri koma (coma) inyuma y'amezi 10, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Cristina Rosi, w'imyaka 37, yari afise inda y'amezi indwi igihe yagira ikibazo c'umutima mu kwezi nkw'indwi mu mwaka uheze. Umukobwa wiwe, Caterina, yavutse nyina abanje gukorwa (Caesarean). Ariko nyina yaciye aguma muri koma bikekwa ko ubwonko bwari bwononekaye.

Ubu yikanguye avuga ijambo ryiwe rya mbere, "Mamma", nk'uko umugabo wiwe yabivuze.

Gabriele Succi yabwiye ikinyamakuru La Nazione ati: "Ntavyo twari twiteze, kari akanyamuneza vy'ukuri inyuma y'ayo marushwa."

Madame Rosi yimuriwe mu bitaro muri Autriche mu kwezi kwa kane kugira akurikiranwe mu buryo budasanzwe . Nyina n'umugabo wiwe bompi bari iruhande yiwe igihe yavuga.

Amafaranga yo kuvurwa kwiwe yatanzwe n'urubuga rwo kwegeranya imitahe mito mito ariko itanzwe n'abantu benshi (crowdfunding) gushika ubu rumaze kuronka amadorari 208.000 yo kubandanya avurwa harimwo `n'ukugororwa ingingo z'umubiri (physiotherapie).

Urubuga rwa internet rwa Arezzo Notizie ruvuga ko Succi yavuze ati "Cristina ubu biragoye kumumenya.

"Arisanzuye gusumba, ubu baramukuyemwo umuringoti bari batobereye inzira mu muhogo kugira ashobore guhema (thracheostomy), ubu bacishije mw'ipompo bariko baramuha umuti uzotuma haba irindi terambere mu ngingo ziwe."

Umukobwa wiwe nawe yaramaze amezi atari make mu mu bitaro kubera ubukene bw'umwuka wa oxygene igihe yavuka.