Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zinedine Zidane yavuye muri Real Madrid kubera uwo mugwi 'utari ukimufitiye icizere'
Zinedine Zidane yavuze ko yatanze imihoho muri Real Madrid kubera yabona ko uwo mugwi "utakimufitiye icizere'.
Uwo mugabo w'umufaransa yasezeye muri uwo mugwi wo muri Espagne ubwa kabiri nk'umumenyereza itariki 27 z'ukwezi kwa gatanu inyuma yo kunanirwa gutwara igikombe c'umwaka wa 2020-21.
Zidane yamenyereje Real hagati ya 2016 - 2018 imbere y'uko agaruka inyuma y'amezi cumi mu kwezi kwa gatatu mu 2019.
Zidane w'imyaka 48 yavuze ati:"Ndagiye, ariko sindaheba umwuga, kandi sindaruha gukora akazi k'ubumenyereza."
Mw'ikete rigenewe abafana, ryashizwe ahabanona n'ikinyamakuru co muri Espange ca AS, yongeyeko ati: "Ndagiye kubera ko mbona umugwi utakimfitiye icizere nkeneye, kandi utakinshigikiye mu migambi yanje ya hafi canke ya kure."
"Ndazi ivyo umupira w'amaguru kandi ndazi ico umugwi nka Real Madrid uba ukeneye. Ndazi ko iyo udatahukanye intsinzi utegerezwa gukura meza.
"Mu buzima bwanje nkunda gutsinda kandi nari ngaha kugira ntsinde , ariko abantu bafise agaciro gusumba ivyo, uko biyumva, ubuzima ubwabwo, numva umenga ivyo bintu vyose ntivyahawe agaciro.
"Ntitwashoboye kandi gutegera ko ivyo bintu arivyo bituma umugwi ukomeye nk'uyu ubandanya mu nzira yo gutera imbere. Rimwe na rimwe mbere vyaratumye nebagurwa. "
Uwo mukinyi rurangiranwa w'Umufaransa, yakiniye Real kuva 2001 gushika mu 2006, yatwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere i Buraya incuro zitatu yikurikiranya, igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne mu kiringo ca mbere yamaze muri uwo mugwi.
Yarasubiye aratwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne agarutse hagati mu mwaka wa 2019-20, akaba yarasigaje umwaka umwe ku masezerano yari afitaniye n'uwo mugwi.
Zidane yavuze ko imyaka 20 amaze muri Real cari " ikintu ca mbere ciza camushikiye' mu buzima bwiwe kandi ashobora "kubandanya ashimira" prezida w'uwo mugwi, Florentino Perez.
Zidane yongeyeko ati: "Nshaka ko haba icubahiro ku vyo twashitseko twese. Nari gushima ko imigenderanire hagati yanje n'umugwi hamwe na prezida mu mezi make arangiye yari kuba itandukanye n'iyo abandi bamenyereza.
"Nta karusho kadasanzwe nigeze nsaba kiretse kwibukwa neza gusa. Muri iyi myaka , akazi k'umumenyereza mu migwi ikomeye n'ibiringo bibiri canke birenga gato.
"Kugira uhamare umwanya munini, imigenderanire myiza hagati y'abantu ni ngombwa, irakomeye cane gusumba n'amahera, gusumba ukumenyekana cane, gusumba ikintu cose. Birakenewe kubungabungwa. "