Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zinedine Zidane avuye muri Real Madrid ubugira kabiri nk'umumenyereza
Umumenyereza wa Real Madrid yatanze imihoho ubugira kabiri kuva atangiye ako kazi.
Umugwi wa Real wananiwe gutahukana igikombe na kimwe muri uyu mwaka, ukaba uheruka gutwagwa igikombe ca La Liga n'umukeba wawo Atletico Madrid ku musi wa nyuma wa shampiyona wo ku wa gatandatu.
Mw'itangazo ryayo, Real yavuze ko "bategerezwa kwubahiriza" ingingo ya Zidane.
Bashimiye Zidane w'imyaka 48 ku "buhinga, ukwitanga n'urukundo yerekanye muri Real Madrid hamwe n'ico amariye uwo mugwi."
Uwo yahoze ari umukinyi w'imbere w'Ubufaransa, yakiniye Real Madrid kuva mu 2001 gushika mu 2006, yatwaye igikombe ca Champions League incuro zitatu yikurikiranya hamwe n'igikombe ca La Liga igihe yamenyereza ubwa mbere uwo mugwi hagati ya 2016 na 2018.
Yavuye muri uwo mugwi mu kwezi kwa gatanu mu 2018, ariko aca agaruka inyuma y'amezi cumi, akaba yaciye anatwara igikombe ca La Liga co mu mwaka uheze.
Real yavuze iti: "Zidane n'umwe muri rurangiranwa ba Real Madrid kandi iragi ryiwe riruta kure ivyo yashitseko nk'umumenyereza n'umukinyi mu mugwi wacu.
"Arazi neza ko afise ikibanza mu mitima y'abakunzi ba Real Madrid kandi ko azoguma yisanga muri Real Madrid."
Real yarangije ihiganwa irushwa na Atletico amanota abiri muri La Liga, ibura igikombe gutyo incuro ya mbere kuva mu 2009-2010.
Bavuye mw'ihiganwa ry'igikombe citiriwe umwami (Copa del Rey) kare cane bakuwemwo n'umugwi wo mu cicaro ca gatatu Alcoyano, banatsindwa na Chelsea mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw'ihiganwa rya Champions League.
Mu ntango z'uku kwezi, Zidane, yari asigaje umwaka umwe ku masezerano yiwe, yarahakanye yivuye inyuma ivyavugwa ko yamenyesheje abakinyi biwe ko ashobora gukura meza mu mpera z'uyu mwaka w'inkino.
Kazoza kiwe ni ko kaguma kagaruka mu bimenyeshamakuru vyo muri Espagne, bituma haba no guterana amajambo, aho Zidane yavuze ko we n'abakinyi biwe bakwiye icubahiro.
Ni we mumenyereza wenyene amaze gutwara igikombe ca Champions League incuro zitatu, akaba yaranatwaye ibikombe bibiri vy'imigwi ya mbere kw'isi, bibiri vya UEFA Super Coupe na bibiri vya Super Coupe ya Espagne.