Mali: Col. Assimi Goïta yigenye nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza

Col. Assimi Goïta aherutse gutembagaza ubutegetsi muri Mali ku ncuro ya kabiri, yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza mushasha.

Uyu yahora ari icegera c'umukuru w'igihugu mu ntwaro mfatakibanza yahahora akaba ari na we yasubiriye kuyitembagaza, ntaramenyesha uwuzoca aba umushikiranganji wa mbere.

Ku wa mbere, Perezida Bah Ndaw n'umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane barapfunzwe n'igisirikare, ivyo amakungu yise itembagazwa ry'ubutegetsi.

Amakuru ava muri Mali avuga ko abatembagaje ubu butegetsi barekuye aba bahora barongoye intwaro mfatakibanza.

Abajijwe icatumye asenyura inzego mfatakibanza zahahora, Col Goïta,w'imyaka 38, yavuze ko atagishijwe inama ku bijanye no guhindura abagize reta.

Hagati aho, abihweza ibintu n'ibindi babona ko inyanduruko yavyo ari abategetsi babiri ba gisirikare bari mu batembagaje ubutegetsi ubwa mbere mu kw'umunani kw'umwaka uheze bakuwe muri reta.

Ivyo vyatumye igisirikare gishavura maze gica gipfunga Perezida Bah Ndaw hamwe n'umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane ku wa mbere.

Umukuru w'igihugu n'umushikiranganji wa mbere bategetswe gutanga imihoho muri iri tembagazwa ry'ubutegetsi rigize kabiri mu kiringo c'amezi icenda.

Haracari icuka kibi muri Mali ariko haratekanye.

Hagati aho, hari ibihuha vyari vyakwiragijwe ku mbuga hwaniro bivuga ko hari amategeko yo kubuza uruja n'uruza kandi ko n'imbibe z'igihugu zugawe, ivyahavuye bihakanwa n'umushikiranganji w'umutekano.

Umunyamakuru wa BBC Noël Ebrin Brou avuga ko Perezida Bah Ndaw hamwe n'umushikiranganji wa mbere Moctar Ouane barekuwe mw'ijoro ryakeye, aho bari basanzwe bapfungiwe kuva ku wa mbere.

Umutegetsi wa gisirikare yasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP avuga ati: "Twubahirije ivyo twari twiyemeje".

Amerika yahagaritse imfashanyo ya gisirikare

Hagati aho, Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko igiye guhagarika imfashanyo zose mu vyo umutekano yahora iha ico gihugu.

Itangazo ry'igisata kijejwe imigenderanire rivuga riti: "Tubaye turahagaritse imfashanyo zose mu bijanye n'umutekano zahora zihabwa inzego z'umutekano n'ukwivuna abansi".

"Amerika igiye kandi kwihweza ibihano izofatira abategetsi ba poritike na gisirikare batembagaje ubutegetsi mfatakibanza bwa gisivire mu gihe yariko yitegurira intwaro ya demokarasi".

Amerika ivuga ko izobandanya gushigikira utwigoro tw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Uburengero CEDEAO/ECOWAS n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika mu gutorera umuti ingorane ziri muri Mali.