Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Germany: Igarariza rya Katolika mu guhezagira ababana basangiye igitsina, n'abagore basoma misa
- Umwanditsi, Na Damien McGuinness
- Igikorwa, Umunyamakuru wa Berlin
Ng'izo inkengeri ziravuze, inanga ziratangura gusamirana, maze Patiri Jan Korditschke na we araduga kuri Arutari kugira ahereze inkuka y'imisa. Vyose bisa nk'uko vyahora bimeze iyo hageze imisa ku wa Mungu muri Katolika.
Ariko muri ako kanya nyene, hari ikintu kidasanzwe kiri mu mitima ya bamwe kandi kibateye impungenge. Ikintu kigomba kibe ni ikidasanzwe na gato.
Patiri Korditschke arafashe ijambo, ati "uwo wese yipfuza umuhezagiro w'Imana ni ahaguruke".
Hafi abari mw'isengero bose barahaguruka, harimwo n'abatari bake basanzwe bubakanye basangiye ibitsina. Ng'ako akaririmbo karatanguye, patiri na we aregera, maze abaza umwe umwe ico yipfuza gusaba Imana mu bisabisho vyabo. Hanyuma niko kuganzura ibiganza yubika ku mitwe yabo asengera umwe umwe.
Hari benshi bakoroye amosozi. Aba rero si abandi, ni ba bandi bubakanye basangiye ibitsina, inyuma y'imyaka itari mike nibwo bwa mbere bakiriwe ukuri kwamye muri Ekleziya.
Umwe muri bo Sangha, umukatolika kuva avuka ari kumwe n'uwo bubakanye, Frieda kuva imyaka 25 yose, ati: "Ni ibintu bibabaje cane kandi ubu niho mbonye ingene nakomerekejwe ku mutima".
"Mu myaka 49 yose, sinigeze nakirwa. Ariko rero impera n'imperuka, abantu baratanguye kuvuga bati: 'kuba uri ng'aha nta ngorane'".
Ingene Vaticano yababaje aba Katolika bashaka ko ibintu bihinduka
Ku bwa Matthias, na we nyene yavutse ari umukatolika akaba yaronse uwo muhezagiro ari kumwe n'uwo bubakanye Thomas, kuja mu misa ntiyigeze iba ingorane. Ariko avuga ko amajambo ashikirizwa n'abategetsi ba Katolika yamutumye yiyumvira guhindura idini.
Ati: "Igihe cose namye nibaza nimba ari ngombwa ko nguma mw'idini ritanyemera. Ariko rero, Ekleziya 'nyayo' hano ku rubuga, irongeye kugarura ukwemera kwanje".
Mu buryo bw'agahemo, ijambo nk'iri rishikirizwa n'abategetsi ni ryo ryatumye iyi misa igenda uko yagenze.
Mu kwa gatatu, Vaticano yasohoye itangazo rikomeye rivuga ko ukwubakana hagati y'abasangiye igitsina ari "icaha", rinashimangira ko abapatiri bose bazohirahira bagahezagira abubakana basangiye igitsina bashirwa ku ruhande.
Iki ni ikintu abapatiri bo nyene ku giti cabo bakora - ariko ni gake biba ku mugaragaro.
Iri jambo rikarishe rya Vaticano ryashavuje abakatolika bashaka ko ibintu bihinduka mu Budagi.
Mu kwishura, ibihumbi n'ibihumbi vy'abapatiri, ababikira n'abakirisu baciye batanguza isekeza bise Liebe gewinnt (Urukundo Ruratsinda/l'Amour Triomphe/Love Wins), kugira bemeze ku mugaragaro ko ababana basangiye ibitsina bemewe mu masengero yabo.
Patiri Korditschke ati: "Narashavuye numva n'isoni kubera nibaza ko ari ijambo ribabaje cane". Ni umwe mu bapatiri hafi 120 bo mu Budagi bafashe ingingo yo kugarariza ku mugaragaro iri tegeko rya Vaticano.
'Ni gute woreka guhezagira umuntu agandaye?'
Mu kiringo c'indwi imwe gusa abapatiri baremesheje ibisabisho mu masengero ya Katolika mu gihugu cose c'Ubudagi bahezagira abantu abo ari bo bose babisavye, harimwo n'abubakanye mu buryo Vaticano ibona ko ari icaha, nk'abubakanye n'abahukanye, hamwe n'abubakanye basangiye igitsina.
Umunyamakuru wa BBC abajije Patiri Korditschke ingene asigura igituma aja kubiri n'itegeko rya Vaticano, yishuye akorora amosozi.
Guhezagira abubakanye basangiye ibitsina biri mu bintu bigenda vyiyongera mu bakatolika bashaka ko ibintu bihinduka mu Budagi.
Abagore ku ruhimbi
Amashirahamwe aharanira agateka k'abagore, nka Maria 2.0, nayo nyene asaba uburenganzira bungana muri Ekleziya.
Haciye umusi umwe inyuma y'iki gisabisho ca Patiri Korditschke i Berlin, abagore baragiye ku ruhimbi basigura ijambo ry'Imana mu masengero ya Katolika 12 atandukanye y'Ubudagi - na vyo nyene Vaticano ikaba itavyemera.
Ulrike Göken-Huismann umugore yashikirije ijambo mw'isengero asengeramwo mu karere ka Düsseldorf, avuga ati: "Ekleziya yahora itwigisha ko Isi iringaniye kandi yatwigisha ko twategerezwa kuvyemera uko. Ariko rero vyabaye ngombwa ko Ekleziya ihindura. Canke kandi wibuke ko wategerezwa kwemwera ko Adamu na Eva ari abantu babayeho. Ntibivuga y'uko Ekleziya idategerezwa guhindura ivyo yigisha".
Abarongoye Ekleziya Katolika mu Budagi ntibahuza: hari uruhande rumwe rw'abasenyeri rushigikiye ko ibintu bihinduka, mu gihe urundi ruhande rw'abarongoye Ekleziya ruryumako, rukaba rushigikiye intumbero ya Vaticano itarota iva kw'izima .
Hagati aho, ubushakashatsi bwerekana ko hari abakatolika ku giti cabo mu Budagi bashaka ko ibintu bihinduka.
Icigwa kimwe cakozwe n'amashure kaminuza yo mu bisagara vya Berlin na Münster cerekana ko ibice 70% vy'abakatolika mu Budagi bashigikiye ko abubakanye basangiye ibitsina bahezagirwa, 80% nabo bakaba ata ngorane babona ku bantu babanye batarahezagirwa, hanyuma 85% nabo bakaba babona ko abapatiri nabo bokwemererwa kurongora.
Inyuma y'igisabisho co guhezagira abubakanye basangiye igitsina i Berlin, abantu baharurwa mw'ijana baciye bakoranira hamwe hanze y'isengero biha agacupa mu buryo bwo kwigina kuri iyo ntambwe.
Ariko kw'irembo ry'isengero, abantu bashika cumi bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza iyi ngendo, bafise icapa canditseko ngo "Imana ntihezagira icaha".
Nta mishamirano iri hagati y'izi mpande ariko zompi zigizwe n'abantu bakomeye muri Ekleziya Katolika badahuriza hamwe.
Amwenyura, Patiri Korditschke wewe yivugira ati "ivyo na vyo ni sawa."
Papa avuga iki ku bijanye n'abahuza ibitsina babisangiye?
Mu kw'icumi 2020: Papa Francis yabwiye umuhinga akora amareresi ko abashaka kwubakana basangiye ibitsina "bokwemererwa imbere y'amategeko". "Abahuza ibitsina babisangiye ... ni abana b'Imana kandi bafise uburenganzira bwo kuba mu muryango. Nta n'umwe yokwirukanwa canke ngo agirirwe nabi kubera ico".
Mu kw'icumi 2014: Ikoraniro ry'abasenyeri b'Ekleziya (synod) bahakanye ivyipfuzo vyari bishigikiwe na Papa ko abahuza ibitsina babisangiye bokwemerwa.
Mu kw'indwi 2013: Ari mu ndege ari ku rugendo, Papa yabwiye abanyamakuru ko abahuza ibitsina babisangiye batokumirwa ahubwo ko boshirwa mu muryango. Yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye basanzwe bari mu barongoye Ekleziya bogirirwa imbabazi, ivyaha vyabo bigaharirwa.
2013:Mu gitabo On Heaven and Earth (Ku vyerekeye Ijuru n'Isi), Papa avuga ko gufata ku rugero rumwe abahuza ibitsina babisangiye n'abubakana badasangiye ibitsina kwoba "ari ugusubira inyuma nk'ibirenge".
2010: Igihe yari musenyeri mukuru wa Buenos Aires yariyamiriza ko amategeko yemerera abashaka kwubakana basangiye ibitsina ariko agashigikira ko abasanzwe bubakanye basangiye ibitsina bokingirwa n'amategeko ku rugero kanaka.