'N'ubwiyorobetsi': Elton John yanebaguye Katolika ku kwanka guhezagira abashaka kwubakana basangiye igitsina

Umuririmvyi rurangiranwa wo mu Bwongereza Elton John yanebaguye Ekleziya Katolika ku ngingo yo kwanka guhezagira abashaka kwubakana basangiye igitsina ayagiriza 'ubwiyorobetsi'.

Ivyo abivuze inyuma y'aho Vatikano isohoreye itangazo ryo kwibutsa isi yose ko Ekleziya Katolika idashobora 'kuraganisha abasangiye igitsina'.

Urwego rujejwe inyigisho muri Ekleziya Katolika ruzwi nka CDF, ruvuga ko abihebeye Imana badashobora mu nzira iyo ari yo yose gutanga imihezagiro nk'iyo kubera "Imana idashobora guhezagira ibicumuro".

Iyo nkuru yemejwe na Papa François, yigeze gusa n'uwutemeranya n'abafise ivyiyumviro bikarishe muri Ekleziya Katolika kuri ico kibazo c'abakundana basangiye igitsina.

"Barafise uburenganzira bwo kuba mu muryango", uko ni ko Papa François yavuze mu gushigikira abakundana basangiye igitsina.

Abayoboke b'urunani mpuzamakungu rw'abakundana basangiye igitsina LGBT barashavujwe n'iyo ngingo harimwo na Elton John.

Neza na neza yavuze iki?

Uwo muririmvyi rurangiranwa w'Ubwongereza yanditse ubutumwa ku rubuga rwa Twitter:

"Bigenda gute ngo Vatican ntihezagire abantu bakundana basangiye igitsina bavuga ko ari igicumuro hanyuma ariko bakunguka amamiliyoni n'amamiliyoni y'amadolari mu mitahe bashize muri Rocketman, ireresi yigina umunezero nakuye mu kwubakana na David???".

Mu mpera z'ubwo butumwa bwo kuri Twitter, uwo munyamuziki yarangije yandika : "Ubwiyorobetsi!"

Ireresi ya The Rocketman yerekeye ubuzima bwa Elton John. Asigura ingene yateye imbere mu kuba rurangiranwa mu muziki ari na ho avuga ivyerekeye urukundo rwiwe n'abandi bagabo.

Bivugwa ko iyo reresi yabaye iya mbere yerekanye umugabo akundana n'abagabo nka we.

Kubera iki urwego rufata abantu bakundana basangiye igitsina nk'abanyavyaha bemeye gushira imitahe ku bushake muri iyo reresi?

Ubushakashatsi

Abahagarariye uwo muririmvyi mu Bwongereza ntibishuye ibibazo vya BBC, ariko ku musi wa mbere, umuvugizi wabo yabwiye Newsweek ko umutahe wa Vatican wavuzwe mu binyamakuru bikomeye harimwo na Financial Times.

Yavuze ko, uretse ivyo, ata kindi kintu babivugako.

Inkuru zerekeye iyo mitahe ziri mu matohoza yakozwe mu 2019 n'ikinyamakuru co mu Butaliyano ca Corriere Della Sera, kimwe mu binyamakuru bisomwa cane muri ico gihugu.

Ico kinyamakuru canditse ko cagunduye inkuru zerekeye amwe mu mahera yatanzwe n'umunyamabanga wa reta ya Vaticano.

Ibiro vy'umunyamabanga ajejwe imigenderanire ni kimwe mu bisata bifise inguvu nyinshi i Vaticano. Mu kiringo c'ibinjana vyinshi, ni vyo vyabazwa ibintu nka vyose.

Uhereye ku vyerekeye Ekleziya gushika ku bibazo vy'imigenderanire iryo shengero rifitaniye n'amakungu.

Muri ayo matohoza, ico kinyamakuru co mu Butaliyano cavuze ko "imiliyoni zirenga 4.7 z'amadolari zegeranijwe mu ntumbero yo gufasha mw'ikinwa ry'ireresi nka Men in Black hamwe n'iyo ubuzima bwa Elton John Rocketman."

Ico kinyamakuru cavuze ko amahera y'abanyaBuraya -Euro- imiliyoni imwe yashizwe muri iyo reresi nshasha.

Ntibiramenyekana nimba Vaticano yoba ikurikirana ingene iyo mitahe itangwa.

Amwe muri ayo mahera ava muri Peter Pence, igisata cegeranya imfashanyo itangwa n'abayoboke b'iryo shengero nk'uko vyandikwa n'ico kinyamakuru.

Uko amahera yo mu kigega ca Peter Pence yakoreshejwe biracagirwako amatohoza na Vaticano ku kungene hatanzwe imitahe yo kugura amazu yo kugurisha mu gisagara ca Londres mu 2019.

Mu 2020, ikinyamakuru ca The Financial Times canditse ko cashoboye kuronka impapuro zerekana ko Vaticano yashize amahera mw'itunganywa ry'ireresi ya Rocketman.

Igihe gito inyuma y'aho iyo nkuru imenyekaniye, Papa François yasavye ko haba impinduka mu biraba ikigega i Vaticano, anaka ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ububasha bwo kugenzura amafaranga ya Ekleziya.

Vaticano ibivugako iki?

Vaticano ntiremeza ku mugaragaro ivyerekeye uwo mutahe washizwe mw'ireresi ya Rocketman.

BBC yarasavye Vaticano kugira ico ibivuzeko, ariko nta nyishu iraronka gushika kuri ino saha turiko turandika iyi nkuru.

Kubera ivyo, ntiharamenyekana ivyo Papa yoba azi ku bibazo vyerekeye amahera i Vaticano.