Israel - Gaza: Amarokete n'amabombe birabandanya gucanacanako

Israel irabandanya gucucagira amabombe kuri Gaza mu kwishura ku bisase vya rokete vy'umuhari Hamas uramutswa ako karere.

Umupfasoni Rama Abu Rahmer aba mu gisagara ca Gaza City yabwiye BBC Today ko mw'ijoro ryakeye atawatoye agatiro kubera amabombe.

Yagize ati: "Vyari biteye ubwoba, nta n'umwe yashoboye kuryama n'ijoro, amabombe yagwa hose.

"Abantu bari bafise ubwoba, cane cane i Gaza. Ababa hagufi y'urubibe baciye bava mu mazu yabo, abandi baba i Gaza bagerageje kubaha aho baryama n'ibifungurwa.

"Vyari bimeze nabi cane, ibibombe ntivyaguye gusa ku rubibe, vyagwa hose muri Gaza. Inzu nyinshi zasambuwe, imiryango myinshi yishwe, abapfasoni n'abana. "

Abajejwe amagara y'abantu muri Palestine bavuga ko abantu bashika 119 ari bo bamaze kwicirwa mu karere ka Gaza, harimwo abana 31; abandi 830 bakaba bamaze gukomerekera muri iyo ntambara.

No muri Israel igitigiri congerekanye aho abantu 8 bamaze gupfa, harimwo n'umutamakazi w'imyaka 87 yapfuye ariko ariruka kwinyegeza mu kibanza co kwikingira bombe.

Iyo ntambara ije ikurikira ukwezi kw'imishamirano mu gisagara ca Jeruzalemu, ariko ukurabana ribi bimaze imyaka myinshi.

Israel igize ibitero bitari bwigere bibaho mu karere ka Gaza, aho yaciye ku butaka, mu mazi no mu kirere.

Igisirikare ca Israel cavuze ko ibitero vyo mw'ijoro vyari bitumbereye gusambura imirombero ikoreshwa n'abagwanyi ba Palestine.

Umumenyeshamakuru wa BBC ari mu karere ka Gaza avuga ko amabombe menshi yatewe n'amato, indege z'intambara na za kajugujugu. Ikirere ca Gaza muri iri joro kikaba cakayangana kubera ibimbombe vyaguma biturika.

Mu gihe hari ibintu vyinshi vyononekaye muri Gaza, igisirikare ca Israel kivuga ko ku musi wa kane no ku wa gatanu mu gitondo, amarokete 220 ari yo yatewe mu karere ka Gaza. Hamas ivuga ko yateye rokete zishika kure zifise intmbero yo gushika ku kibuga c'indege ca Eilat.

Intambara hagati ya Israel na Palestine iteye amadidane amareta y'abarabu yaheruka kwunga ubucuti na Israel.