Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel-Palestina: Ingabo ziriko zirarungikwa ku rubibe na Gaza
Israel iriko irarungika ingabo ku rubibe ihana na Gaza, nk'uko abategetsi ba gisirikare babibwiye BBC, mu mw'iteguro w'"ibishobora gushika vyose canke bikayangara".
Bibaye mu gihe vyari vyavuzwe ko ingabo ziriko ziritegurira igishobora kuba igitero co hasi, ivyo bikaba vyoba vyibukije ivyabaye mu gihe c'intambara hagati ya Israel na Gaza mu 2014 no mu 2008-2009.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Israel Lt Col Jonathan Conricus yagize ati "hari ingabo ziriko zirarungikwa ku rubibe", yongerako ati "ni ingingo yo kwitegura."
Yavuze ko abantu ibihumbi bitatu batumwako kugwana iyo bikenewe bahamagawe n'abategetsi ba gisirikare ku rubibe, mu mw'iteguro w'"ibishobora gushika vyose canke bikayangara".
Col Conricus yavuze ati: "Bariko barakurikiza ibisabwa mu mw'iteguro w'urugamba, bitegurira urugamba, ico dushimikirako n'ugusambura ubushobozi bw'umwansi".
Abo bagiye kandi gufasha igipolisi mu gikorwa co guhagarika imishamirano mu bisagara bibamwo abarabu b'abayahudi.
Ukuyangara kw'ibintu kwatumye haba intureka mu mabarabara muri Israel hagati y'Abayahudi n'abanya-Israel b'Abarabu.
Umunyamakuru wa BBC muri Gaza avuga ko ako gace karaye kagize ijoro rya mbere rigoye cane kuva mu ntambara yo mu 2014.
Israel ivuga ko mu vyo yashaka kugema muri Gaza harimwo inzu zikorerwamwo iperereza, ibanki n'abagwanyi bo mu mazi ba Hamas.
Abanya-Israel ibihumbi baracari mu bwihisho mu gihe inzamba zagumye zisamirana muri Tel Aviv.
Nibura abanya-Palestina 67 n'abantu 6 muri Israel baramaze gupfa kuva iyo ntambara itanguye ku wa mbere.