Israyeli na Palestina ntibibona kumwe umugambi w'amahoro wa Prezida Trump

Abanyepalestina bariyamiriza integuro y'umugambi w'amahoro yatangajwe na Perezida Donald Trump wa Amerika mu ntumbero yo kugarukana amahoro mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati.

Iyo nteguro itegekanya ko hashingwa igihugu ca Palestina hamwe na Israyeli iri kumwe n'ibigwati vy'abanyisrayeli biri ku butaka bwa Paletsine nka za Cisjordanie (West Bank) n'ahandi.

Muri iyo nteguro Bwana Trump avuga ko Yerusalemu izoguma ari umugwa mukuru "ntagaburwa" wa Israyeli, n'aho umugwa mukuru wa Palestina uzoba ufise "uduce two mu buseruko bwa Yerusalemu".

Avuga kuri uwo mugambi watangajwe ejo ku wa kabiri, umukuru wa Palestina Mahmoud Abbas avuga ko Yerusalemu atari "iyo kugurisha".

Ati: "Uburenganzira bwacu si ubwo kugurisha kandi ntavyo kubuharirako".

Ejo ku wa kabiri, abanyepalestina ibihumbi n'ibihumbi bateguye imyiyerekano yo kwerekana agashavu kabo mu karere ka Gaza, mu gihe igisirikare ca Israyeli carungitse izindi ngabo mu bice vya Cisjordanie yigaruriye.

Uwo mugambi, ufise intumbero yo kurangiza imwe mu ntambara zimaze igihe kirekire kw'isi, wateguwe uhagarariwe n'umukwe wa Perezida Trump, Jared Kushner.

Ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israyeli Benjamin Netanyahu mu biro vy'umukuru w'igihugu Maison blanche, Bwana Trump yavuze ko iyo nteguro "ishobora kuba ari ko karyo ka nyuma" ku banyepalestina.

Bwana Abbas avuga iki?

Umukuru wa Palestina avuga ko "ata mwana w'umunyepalestina, w'umwarabu, w'umu isilamu canke w'umukirisitu ashobora kwemera" igihugu ca Palestina kidafise Yerusalemu nk'umugwa mukuru waco.

Ati: "Turabisubiyemwo incuro igihumbi, oya, oya, oya. Twariyamirije iyo nteguro kuva mu ntango kandi ntiduhindura".

Eka n'umuhari Hamas urwanira agateka k'abanyepalestina usanzwe ugenzura akarere ka Gaza uriyamiriza iyo nteguro uvuga ko ifise intumbero yo "kurwanya umugambi w'igihugu ca Palestina".

Yaba Israyeli yaba Palestina, kimwe kimwe cose kivuga ko Yerusalemu ari ubutaka bwaco.

Ishirahamwe ONU rimenyesha ko rigihagaze ku mugambi w'amahoro ushingiye ku gushiraho ibihugu bibiri hisunzwe imbibe zari zihari imbere y'intambara yo mu 1967 yatumye Israyeli yigarurira uburere bwa Cisjordanie na Gaza.

Benjamin Netanyahu wewe ashimagiza iyo nteguro

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa mbere wa Israyeli avuga ko integuro ya Bwana Trump ari "integuro nyayo y'iki kinjana".

Bwana Netanyahu ati: "Aka karyo ntidushobora kukagisha".

Umuvugizi w'umunyamabanga w'ishirahamwe ONU António Guterres asaba ko umugambi w'amahoro wokwisunga amasezerano ya ONU, amategeko mpuzamakungu hamwe n'ivyumvikanyweko n'impande zompi.

Ishirahamwe rihuza ibihugu vy'Abarabu ritegura ikoraniro ridasanzwe kuri uyu wa gatandatu kugira ngo ryihweze ibiri muri iyo nteguro.

Iyo nteguro yatanzwe na Perezida Trump iboneka ko ishingiye ku vyipfuzo vya Israyeli.

Ureste ko abanyepalestina batatumiwe mu nteguro yayo, ntibacana uwaka n'ubutegetsi bwa Trump kuva bufashe ingingo yo kuvana ibiro vy'ubuserukizi bwabwo mu gisagara ca Tel Aviv bukavyimurira i Yeruzaremu atawe buhanuje.

Iyo ngingo yafashwe mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2017 igihe Perezida Trump yemereje ko Yeruzaremu ariwo mugwa mukuru wa Israyeli, imbere y'aho Tel Aviv ikaba ariyo yari yemewe nk'umugwa mukuru wa Israyeli.