US: Umuforoma Reta Mays yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwose kubera kwica abarwayi

Ahavuye isanamu, Police image
Uwahoze ari umuforoma yaciriwe iminyororo indwi ikurikirana y'ubuzima bwiwe bwose yagiriwe n'icaha co kwica abatama indwi yariko aravura ku bitaro vy'abasirikare b'abakukuruke muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Reta Mays yahoze akora kuri ibi bitaro biri muri Virginia y'Uburengero, yaciriwe kandi n'uwundi munyororo w'imyaka 20 yagiriwe n'ikindi caha co gushaka kwica uwundi.
Mu rubanza rwa mbere, yari yamaze kwemera ko yishe aba bantu indwi mu kubatera imiti ya 'insulin' (umuti batera abarwaye igisukari) mu kigo c'ubuvuzi citiriwe Louis A Johnson.
Umucamanza yavuze ko Mays, w'imyaka 46, ari "igisigo (igisimba) c'ubwoko bubi".
Umucamanza Thomas S Kleeh ati: "Uri igisigo kitari bwigere kibaho". Avuga ko adashobora kurekurwa vy'agateganyo.
Aba bantu bishwe na Mays bari hagati y'imyaka 81 na 96, bakaba bari mu ngabo za Amerika zarwanye intambara zitandukanye harimwo n'intambara ya kabiri y'isi, hamwe n'intambara zo muri Korea na Vietnam.
Abashingwamanza bavuga ko uyu muforoma yabatera 'insulin' n'ibigirankana kuri ivyo bitaro, ivyatuma mu kanya isase isukari ica iba umurengera maze bagaca bacikana.
Mu rubanza rw'ejo ku wa kabiri, sentare yumvirije imiryango y'aba banyakwigendera aho yariko irasigura ingaruka zayibayeko.
Abicishije muri videwo, Norma Shaw, umupfakazi asigwa na George Shaw, yahoze mu ngabo zarwanira mu kirere, yavuze ko George "yabaye umugabo yafatiwe mu mubiri wiwe" inyuma y'uko Mays amuteye umuti wa 'insulin'.
Igihe apfa, umuryango wiwe mu ntango wibajije ko yishwe n'urupfu rusanzwe.
Ati: "Yari vyose kuri jewe. Mu mutima wanje ndazi ko nkeneye kumubabarira ku vyo yakoze, kandi umusi umwe nzomubabarira, ariko si uno musi".
Robert Edge Jr, umuhungu wa Robert Edge Sr akaba ari we Mays yatanguriyeko kwica, avuga ko yahekuye abuzukuru icenda n'abuzukuruza 13 ababuza urukundo rwiwe.
Ati: "Warishe data ataco umuhoye. Aya majambo yanje wumvise, ndashaka ko azokugumamwo yame agaruka mu mutwe igihe cose gushika umusi uzopfa".
Mays yuzuye amarira igihe yishura sentare, avuga ati: "Numva ata majambo mfise novuga yo guhoza iyi miryango. Ico novuga conyene ni uko mbabajwe n'amarushwa nateye iyi miryango n'umuryango wanje".
Jay McCamic, umushingwamanza wa Mays, yabwiye sentare ko umukiriya wiwe yigeze kugira ibibazo vyo mu mutwe, harimwo n'ihahamuka (Post-traumatic stress disorder, PTSD) kuva igihe yari mu gisirikare akorera muri Iraq hagati ya 2003 na 2004.
Umucamanza yavuze ko mu gihe c'ubwo bwicanyi, Mays yakoresheje inyabwonko yiwe y'akazi mu kurondera amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi ajanye n'"abagore bakora ubwicanyi".
Avuga ko yabeshe abari bajejwe gukora amatohoza incuro zitatu ku bijanye n'uruhara rwiwe muri izi mpfu.
Umucamanza Kleeh aremera ko uyu mugore yahanganye n'ibibazo vyo mu mutwe, ariko akavuga ko ibibi vyakozwe na Mays ata nsiguro bifise kandi ko bidafise ishingiro.










