US: Umugwayi wa Covid yiciye mugenzi we mu bitaro i California

File photo of hospital room

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umugabo w'imyaka 37 bivugwa ko yakoresheje igikono kibikwamwo impwemu mu kwica umugwayi wa Covid yari aryamye ku gitanda mu bitaro vy'I California mu ndwi iheze, yagirijwe ubwicanyi n'urwanko.

Jesse Martinez yafashwe n'ishavu igihe uwo mutama w'imyaka 82 bari basangiye icumba mu bitaro atanguriye gusenga, nk'uko bivugwa n'igipolisi c'I Los Angeles.

Bivugwa ko Martinez yaciye afata igikono kibikwamwo impwemu aca agikubita uwo mutama.

Uwo mutama yaciye yitaba Imana bukeye.

Insiguro ya video, Urukingo rwa coronavirus

Abo bagabo babiri igipolisi kivuga ko batari bazinanye, bariko baravurirwa coronavirus mu cumba kimwe kigenewe abantu babiri mu bitaro vya Antelope Valley I Lancaster mu bumanuko bwa California.

Itangazo ry'igipolisi ca Los Angeles rivuga riti:"Uwagirizwa icaha yafashwe n'agashavu igihe uwishwe yari atanguye gusenga. Ni ho yaca amukubita igikono kibikwamwo impwemu."

Iryo tangazo ryongerako riti: "Jesse Martinez w'imyaka 37 yagirizwa icaha, yaciye ahagarikwa yagirizwa ubwicanyi, urwanko no gufata nabi abageze mu za bukuru."

Ibitaro vyo mu ntara ya California vyabuze ayo bicira n'ayo bimira inyuma y'aho habonekeye abandi bagwayi umuliyoni bashasha mu ndwi zitandatu gusa.

Abantu barenga imiliyoni zibiri ubu baramaze gusanganwa iyo ngwara I California kuva ico kiza giteye.

Ibitaro ubu bihanganye n'ibura ry'abakozi, iyo reta ikaba iriko irarondera abandi bakozi bashika 3.000 bava n'ahantu kure nka Australia na Taiwan.

Ku musi wa mbere, Umunyamabanga ajejwe amagara y'abantu mu ntara ya California Dr Mark Ghaly, yavuze ko ivyumba vyo muri ako karere kose bishobora kwuzura hamwe mbere n'ivyo mu bindi bibanza vyari vyateguwe kuvuriramwo iyo ngwara "gushika mu mpera z'uku kwezi no mu ntango y'ukwa mbere."

Umukuru w'intara ya California Gavin Newsom yatanze itegeko ryo kuguma muhira kandi n'ubundi buzi budakenewe cane bukugarwa.

Ku musi wa gatatu, Amerika yamenyesheje ko ishitse ku gitigiri c'abantu 228.131 bashasha banduye Covid- 19 hamwe n'abitavye imana bashasha 3.359.