Covid: India yagize igitigiri ca mbere kinini kw'isi c'abanduye mu gihe oxygene nayo ikenye

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubuhindi bwatangaje abantu bashasha 314.385 batowe coronavírus mu masaha 24 - igitigiri ca mbere kini gitowe ku munsi umwe ata handi na hamwe cari bwashikweko kw'isi.
Abapfa biyongeyeko 2.104 muri ico kiringo, naco nyene nico gitigiri ca mbere kinini Ubuhindi bushitseko ku munsi umwe.
Bitumye ico gihugu gishika hafi ku miriyoni 16 z'abantu bazwi icese ko banduye, ikibanza ca kabiri inyuma ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika zigeze ku miriyoni 31.9 bazwi.
Ubuhindi bwugarijwe n'umurindi ugira kabiri wo kwandura, nabwo ubukene bukabije bw'umwuka wo guhumeka (oxygene) bukaba bwongereje ubwoba ku nzego z'ubuvuzi zarengewe.
Vyatumye sentare nkuru y'i Dehli igera aho iruha ikanegura ingene reta mpuzantara iriko iritwara muri ico kibazo ca oxygene muri ico gisagara.
Igihe bariko barasoma urubanza rwazanywe n'umuntu afise ibitaro bitandatu vyigenga, abacamanza bavuze bati: "Ibi biteye isoni. Dukeneye kumenya ico reta iriko irakora ku bijanye n'uko haboneka oxygene mu Buhindi".
Sentare yategetse reta gukora ku buryo oxygene iva aho ihingurirwa igashikira neza ibitaro mu gihugu cose.
Hari abantu benshi bamaze gupfa muri ico gihugu barindiriye kuronka umwuka , n'ubwo bitoroshe kumenya ingene igitigiri cabo kingana.
N'imbuga hwaniro aho mu Buhindi zuzuyeko ubutumwa bw'abatabaza basaba umwuka.
Abantu isinzi usanga bakoraniye imbere y'ibitaro mu bisagara bikuru bikuru vyuzuye abarwayi gushika aho ata kibanza na kimwe gisigara.
Hagati aho abategetsi bo mu ntara ikomerewe cane kurusha izindi ya Maharashtra batangaje ko hongeweko izindi ngingo zo kugerageza kwirinda ikwirakwira ry'iyo ndwara kuva kuri uyu wa kane ku mugoroba, mu gihe ihanganye n'iyongerekana rikomeye ry'abafatwa.
Iyo ntaya yari isanzwe iri muri gahunda yo kuguma mu rugo amasaha atari make y'umunsi kuva itariki 14 z'ukwezi kwa kane.
Maharashtra niyo ntara ya mbere itunze cane mu Buhindi ikaba ari nayo irimwo igisagara c'ivyashara vyinshi vy'amafaranga, Mumbai. Ninayo yagumye ari ikirimbiro rikomeye rya Covid kuva ico kiza cadutse, yonyene ikaba irimwo ica kane c'abandura uwo mugera mu gihugu.

Ahavuye isanamu, European Pressphoto Agency
Maharashtra ni nayo ntara imaze gupfamwo abantu benshi kurusha izindi ntara zose, bagera ku 67. 468.
Ariko n'ubwo impfu zakomeje kwiyongera, urugero rw'abapfa ugeraranije ruracari hasi.
Kuba ataco uri bushobore gufasha.
Vikas Pandey, umunyamakuru wa BBC News i Delhi avuga ko telefone yiwe buri igihe iba iriko irahamagarwa n'abagenzi bihebuye basaba ico yobafasha mu kurondera igitanda mu bitaro hamwe n'imiti.
Avuga ko hari bamwe ashobora gufasha n'abandi atako ari bugire.
Ati : " Ndazi ubwanje abarwayi benshi bamaze gupfa kuko batashoboye kuronka oxygene hakiri kare. N'ibintu bibabaje cane ku miryango kwumva ko ibitaro ababo baba bariko baravurirwamwo vuba bigiye kuba ata mwuka bifise".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vikas Pandey avuga ko gushika ubu reta yakoze ku buryo ata kaga gokomeye karaba, ariko biruhuta cane ko ibitaro bironswa oxygene kugira bishobore kwitaho ibitgiri vy'abarwayi biguma vyiyongera.
Avuga ko abahinga bibaza igituma ibintu bimeze uko mu gihe mu kwezi kwa mbere umuvuduko w'iyo ndwara wasa n'uwahagaritswe.
Asigura ko ako kanya k'agahengwe katakoreshejwe kugira hongerezwa uburyo bwo kwitaho abarwayi.
Avuga ko ubu rero abanttu bariko baravyishura ku rugero aho ''twese dusanga ataco turi bufashe".
Icateye uwo murindi mushasha ni igiki?
Ubuhndi bwugarijwe y'iyongerekana rinyaruka cane ry'abandura mu kwezi guheze, ryatewe no gufata minenerwe ingingo zo kwirinda, hamwe n'isabukuru ry'aba Hindu ryitabiriwe na miriyoni z'abantu ukongerako amoko mashasha y'uwo mugera, harimwo ubumaze kwihindura kabiri.
Ubwo bwatowe muri 61% y'ibipimo vyafashwe muri Maharashtra , nk'uko vyerekanwa n'ikigo c'igihugu kiraba indwara z'imigera.
N'amakoraniro y'amatora - arimwo na ministre wa mbere Narendra Modi - nayo ntiyahagaritswe mu ntara ya West Bengal, ahabaye amatora ku bice ku bice mu ndwi ziheze.
N'uyu munsi hari ahari kuba amatora ariko reta yahagaritse ingingo yo kuyabandanya.










