Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Red Flo Bio ya John Chris yamuronkeje ikidari c'inzahabu k'inzoga iryoshe cane ya 2021
Mw'ihiganwa ry'inzoga nziza riba buri mwaka ritegurwa n'ikigo Monde Selection, muri iyi ndwi inzoga yengwa n'umurundi John Chris Kavakure yatahukanye ikidari c'inzahabu c'inzoga ya mbere iryoshe cane muri uyu mwaka.
Iyo nzoga yitwa Red Flo Bio yahiganishijwe n'ubundi bwoko bw'inzoga 3,100 zivuye mu bihugu 90 vyo mu mihingo itandukanye y'isi muri iri higanwa ryaba ku ncuro ya 60.
Inzoga ziza muri iryo higanwa ziba zifise urugero rwo gukara rwa 7.5
Ihiganwa Monde Selection ni iry'ikompanyi yitwa International Quality Institute yo mu Bubiligi, ivuga ko ifise uburambe mu kuraba no kumva neza ibikorwa bifise akanovera kandi vyiza mu guteka, kwenga, amagara, eka n'ubwiza bw'imico kw'isi.
John Chris Kavakure umubiligi kandi w'umurundi ashima ico kidari ngo kuko cerekanye ko abanye Afrika muri rusangi n'abarundi vy'umwihariko bashoboye.
Yagize ati:"Kuba ndonse ico kidari ndi umurundi, avuka mu Bwiza, biha inguvu urundi rwaruka ko mu bikorwa bakora, ko ejo hashobora kuboneka umu John Chris mu burimyi, mu gushona, mu kworora."
Kavakure amaze gukora ubwoko burenga 20 bw'inzoga mw'ihinguriro ryiwe rya Les Brasseries de Flobecq riri mu Bubiligi, akaba ashobora gukora ama 'hectolitres' 30.000 ku mwaka.
John Chris avuga ko umwuga wo kwenga inzoga yawukundishijwe na nakuru wiwe.
Ati:"Nyokuru ni we yatumye nkunda kwenga inzoga kuko namubona ariko arenga impeke ngaca nkurikirana ingene abigenza n'ivyo ashiramwo."
Ivyo vyatumye agira ishaka ryo kwiga ubuhinga bwo kugana inzoga ziryoshe muri kaminuza aho yaronkeye impapuro z'imitsindo.
Avuga ko umwambiro akoresha kugira inzoga iryohe ari ibanga ryiwe, ariko ko hariho iyo akura muri Afrika.
John Chris ntakora inzoga gusa, aranubaka amahinguriro y'inzoga, aho hirya no hino kw'isi amaze gufasha kwubaka ayashika umunani harimwo n'ihinguriro ry'inzoga rigira kabiri mu Burundi riri mu ntara ya Ngozi muburaruko ryitwa Burundi Brewery rikora inzoga zitwa Soma Burundi.
Ibindi bihugu birimwo amahinguriro yubatse ni nko muri Amerika, Ubuhinde, Ubudagi, Ubutaliyano no mu Bubiligi aho asanzwe aba nk'uko abivuga.
Ikindi kidari c'inzahabu yaheruka kukironka mu 2018 ku nzoga yahinguye yitwa Flo58.