Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gasape: Urubuga hwaniro rwa mbere rutangujwe n'Umurundi
Umurundi Saxe Perry Gateka asanzwe arongoye Radio Humuriza FM aheruka gutanguza urubuga hwaniro, rushobora kuba ari rwo rwambere rutangujwe n'umuntu ava muri ico gihugu.
Urwo rubuga rukora co kimwe n'izindi zisanzwe zimenyerewe nka Facebook canke Twitter, aho abarwiyandikishako basangira amakuru yanditse, amafoto canke za video, ku buryo bwihariye bagashirako n'amajwi.
Aho yavugana na BBC, Saxe Perry yavuze yuko yashatse kugira urubuga hwaniro rukora nk'izindi zihasanzwe mbere ngo rukagira ico ruzirushije.
Yagize ati: "... nagerageje kwihweza izindi mbuga dusanzwe dukoresha nka za Facebook n'izindi, mugabo nkabona ko ari ibintu bikomeye cane umuntu atoshikako.
"... naragize ivyigwa vya multimedia mu buhinga bwa kure ngerageje kuri internet, hanyuma ntangura gukora kugira nshobore kwihanga abantu b'abanyamahanga... nagize nti nshaka kwipima ku bihangange vya kure bikomakomeye.."
Abajijwe ico urwo rubuga rwiwe rusumvya izindi, Saxe Perry yatanze akarorero avuga ko ku zindi mbuga nka Facebook canke Youtube udashobora gushirako amajwi yonyene, ariko ku rubuga rwiwe Gasape ivyo ngo birashoboka.
Ku basanzwe bakoresha Facebook na Youtube, urashobora gushirako ifoto canke video, ariko amajwi yonyene ukwayo, atari kumwe n'amashusho, ntibikunda.
Ku kibazo co kumenya abaza ku rubuga Gasabe abo ari bo n'ico baba barondera, Saxe Perry yavuze yuko ataramemya neza abaruzako abo aribo.
Yagize ati: "...[runo rubuga] rushobora kuba ruriko rurakoreshwa n'abantu bari hafi ya miriyoni zitatu. Rero sinovuga ngo ni Abarundi gusa, ariko ico nizera ni uko benshi muri bo ari Abarundi.
"Ariko usivye ko harimwo n'abanyamahanga kuko turamaze kubona abantu basaba nk'ivyo twita 'ama verification y'ama page yabo', tugasanga abaturungikiye ivyangombwa vyabo ni abazungu, ni abanyamahanga.
"Rero novuga yuko muri rusangi ari abantu bari kw'isi yose barukoresha... sinagomvye ko runo rubuga rwitwa urw'Abarundi gusa, ni nayo mpamvu rutiswe Gasape.bi, rwiswe Gasape.com..."
Saxe Perry Gateka yatanguye gute?
Saxe Perry yamye ari umwana akerebutse. Mu mwaka wa 2005, afise imyaka 14 y'amavuko, akoresheje utwuma atoraguye hirya no hino, yarahinguye insamirizi (radio transmitter), ico gihe aca atangura kumenyekana no gushika ku rwego rwo hejuru mu gihugu.
Aho niho yahereye ashinga Radio Humuriza FM ubu yumvikana mu ntara zishika icenda zo mu Burundi.
Radio Humuriza FM mbere yahavuye ikorana na BBC Gahuzamiryango, icemerewe gukorera mu Burundi, aho yaza iracisha amakuru yayo kuri Humuriza FM.
Mu 2017 yatowe muri wa mugambi wa Young African Leaders aja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akarisha ubwenge mu bitangazamakuru bitandukanye ari naho yakuye iciyumviro co gukora urubuga hwaniro.
Agarutse yashinze Humuriza TV iboneka iciye ku buhinga bwa Facebook, uno mwaka naho rero akaba yatanguje urubuga hwaniro Gasape, ruboneka kuri internet co kimwe na application ija muri telephone ngendanwa.
Akura hehe uburyo?
Saxe Perry avuga yuko ahanini mu bijanye n'uburyo akoresha yimenya, mu majambo yiwe akagira ati "jewe igihe cose namye ndya ikiremve ndacirasheko".
Abandanya ati: "Nta muntu novuga ngo ariko aramfasha mu bijanye n'uburyo kuva ntangura runo rubuga kuko iyo mba nari mfise uburyo nari kurukora nko mu ndwi zibiri gusa."
Yavuze yuko yamaze imyaka ibiri yegeranya uburyo yaba mu bijanye no kugura ama 'serveurs' canke kugura ibijanye n'umutekano kugira ntihagire abavogera urubuga rwiwe.
Avuga kandi yuko mu gihe asanzwe arongoye ibitangazamakuru Humuriza FM na Humuriza TV, hari uburyo buboneka buvuye mu bamenyekanisha ivyo bakora babicishije kuri ivyo bitangazamakuru.