WhatsApp igiye kwibandaniriza n'impinduka n'aho uwu mugambi wayo wateye induru

WhatsApp ibandanya n'impinduka yatanguye zijanye n'ikoreshwa ryayo, ariko ubu ikaba yahinduye amayeri yo kuzumvisha abanywanyi bayo basanzwe baraziyamirije.

Igihe imenyesha ibijanye n'izi mpinduka ubwa mbere, hari mu kwa mbere kw'uyu mwaka, amamiliyoni y'abakiriya bayo baciye bimukira ku zindi mbuga zisanzwe ari abakeba ba WhatsApp.

Mu ntango, uru rubuga rusanzwe rwegukira Facebook rwavuze ko rwazize "ibinyoma" ku bijanye n'izi mpinduka.

Ariko rero ubu, WhatApp ivuga ko "yashoboye kwiyumvira" ingene yategerezwa kuba yazisiguriye abanywanyi bayo ku buryo bitari guteza induru.

Amajambo yakoresheje mu kumenyesha izi mpinduka ubwa mbere yatumye abantu bagira ubwoba ko WhatsApp izohava isohora amabanga ya ba nyene kuyikoresha ikayaha Facebook.

Mu vy'ukuri, ni ibintu bike vyahindutse hano - kandi imbere y'aho hafi abayikoresha bose nta makenga bagize ku bijanye n'ubwoko bw'aya makuru y'ibanga yari guhabwa Facebook.

Iyi ncuro ya kabiri yo kugerageza kwumvisha abayikoresha, WhatsApp igiye kuza yerekana icapa kimenyesha izi mpinduka iyo umuntu uyuguruye kuva mu ndwi ziri imbere.

Isaba abanywanyi bayo kwitonda bagasoma neza ibijanye n'izi mpinduka - ibizohinduka n'ibitazohinduka.

Hari ubutumwa kandi izocisha muri karya kadirisha kayo ka Status.

Izi mpinduka zitezwe gutangura gushirwa mu ngiro kuva ku wa 15 z'ukwa gatanu uno mwaka.

WhatsApp ivuga ko mu makuru y'ibanga izoha kompanyi ya Facebook yegukira, ibijanye n'ubutumwa hamwe n'amakuru umuntu yahanahanye n'abandi, imirwi umuntu arimwo canke abo yahamagaranye nabo ata birimwo.

WhatsApp yari isanzwe iha Facebook amabanga amwe amwe, nk'ivyerekeye inomero ndangaterefone (Adresse IP/IP Address) hamwe n'amakuru ajanye na terefone yawe, hamwe kandi n'ibijanye n'ubuguzi woba warakoze uciye kuri uru rubuga.

Ariko igitangaje ni uko ibi bidakorwa i Buraya no mu Bwongereza, ahasanzwe hariho amategeko akingira amabanga y'abantu.

Ariko abahinga mu bijanye n'amabanga bavuga ko uku kutumvikana kwerekanye ko abasanzwe bakoresha WhatsApp batari bazi ingene amakuru y'ibanga yabo akoreshwa.

Ray Walsh, umuhinga mu bijanye n'amabanga ku mbuga ntangamakuru akorera ku rubuga ProPrivacy rusanzwe rufasha bene kuzikoresha kurwanira umutekano w'amabanga yabo, avuga ati:

"Mu twigoro two kugerageza kwerekana ko ata makosa yakoze, Whatsapp yisanze yerekanye itabishaka ko yari imaze kwegeranya amabanga menshi cane y'abayikoresha ikayaha Facebook."

Avuga ko ibi bituma abashaka kuvavanura na whatsApp babona ko bari mu kuri.

"Kandi rero imbere y'uko ibinyamakuru bitangura gushira ahabona ibi bintu, abantu ntibari bazi ko WhatsApp yari isanzwe yegeraniriza Facebook amabanga ya ba nyene kuyikoresha, harimwo inomero ndangaterefone n'ayandi makuru yekerekey terefone, hamwe n'ivyo yakoreye kuri uru rubuga".

Whatsapp ivuga ko yize neza irabona ingene yategerezwa kuba yabikoze neza.

Iti: “Turashaka ko abanywanyi bacu bose bamenya ko tugendera ku mateka yacu yo kunyegeza amakuru y'umukiriya kugira ntihagire uwundi ayabona kiretse nyene kuyarungikirwa, kandi bakatwizera ko turajwe ishinga no bungabunga amabanga n'umutekano vyabo".

Mu kwa mbere, reta y'Ubuhindi yasavye WhatsApp guheba izi mpinduka itegekanya.

Iki gihugu nico ca mberew WhtsApp ifisemwo abanywanyi benshi kw'isi, barenga imiriyoni 340.