Covid-19: Kenya yasubirije mu ndumane UK

Uhuru na Boris

Ahavuye isanamu, AFP

Inyuma y'aho Ubwongereza bushiriye Kenya ku rutonde rutukura, iki gihugu naco cafashe ingingo zibusubiriza mu ndumane, kuri iyi ngingo yabwo yababaje abategetsi ba Kenya.

Kuva ku wa 09 z'ukwa kane 2021, ingenzi zose zikomoka canke zizoba ziciye ku bibuga vy'indege vy'Ubwongereza zizotegerezwa gushirwa ukwazo mu bibanza vya reta mu kiringo c'iminsi 14 kandi zikimenya mu buryo bwo kubaho.

Mu gihe zizoba ziri muri ivyo bibanza, zizotegerezwa gupimwa incuro zibiri, ubwa mbere inyuma y'imisi ibiri, urugira kabiri inyuma y'imisi umunani kandi ku buryo bwazo.

Ibi ni ibiri mw'itangazo ryaraye risohowe n'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Kenya bwishura ku ngingo Ubwongereza buherutse gufatira Kenya.

Iyo ngingo yashize Kenya ku rutonde rw'ibihugu ingenzi zavyo zitemerewe kwinjira mu Bwongereza kubera impungenge z'ikwirakwira z'ubwoko bushasha bwa coronavirus.

Kenya ivuga ko iyi ngingo y'Ubwongereza ari ingingo ibabaje, kandi izogira ingaruka mbi ku migenderanire yari isanzwe hagati y'ibi bihugu mu bijanye n'ubudangaji, uruja n'uruza ubukirarugendo hamwe n'umutekano.

Izi ngingo zaraye zifashwe na reta ya Kenya zizotangura gushirwa mu ngiro ku wa 09 z'uku kwa kane co kimwe n'iz'Ubwongereza bayifatiye.

Hagati aho, ntizifata indege zitwara ibintu, canke abanyagihugu ba Kenya basanzwe baba mu Bwongereza canke bazoca ku bibuga vy'indege vy'Ubwongereza.

Mw'iri tangazo, reta ya Kenya ivuga ko ingingo y'Ubwongereza ishingiye kw'ivangura rikorerwa ibihugu bimwe bimwe n'abanyagihugu bavyo, hakwisunga uko ibintu bimeze n'ivyo abahinga bavuga.

Ivuga ko Ubwongereza butari gufata izi ngingo z'ibihano "vy'ivangura kandi bicanishamwo", ko ahubwo bwari gushira imbere umwumvikano n'ugufashanya.

Rivuga riti: "Kenya ibandanya yemeza ko mu gufatana mu nda mu kurwanya iki kiza, reta y'Ubwongereza yategerezwa gufata mu mugongo Kenya mu kuyiha incanco … kubera isanzwe izi neza ko bufise nyinshi gusumba izo bukeneye".

Kenya iratangazwa no kubona Ubwongereza bwafashe iyi ngingo mu gihe yoyo isanzwe ishimagizwa n'ibihugu bigenzi n'amashirahamwe akorana nayo harimwi n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO ku kungene yabaye akaroreko ku bindi bihugu mu kurwanya iki kiza n'ikwirakwira ryaco.

Kenya irababazwa kandi no kubona ibihugu bihingura izi ncanco kw'isi vyatanguye kwikwegerako n'ugukumira ibindi bihugu, ibi bikerekana ko hari ikumira rishingiye kuri izi ncanco, ico yise "vaccine apartheid".

Ibona ko iyi ngendo izotuma ubutandukane busanzwe buhari buzokwiyongera gusumba, ibi navyo "bikazotuma isi inanirwa no kurwanya iki kiza".

Ivuga iti: "Ibihugu bihingura incanco nk'Ubwongereza bitegerezwa kumenya ko uwu mugera utavuye muri Afrika, ko utagira imbibe, kandi ko ata gihe kirekire umaze mu bantu kugira ngo hamenyekane ingene ejo haza uzoba wifashe".

Kenya, co kimwe n'ibihugu nka Philippines, Pakistani na Bangladesh, vyiyongereye ku bindi bigera ku 30 harimwo n'Uburundi vyashizwe kuri uru rutonde rw'Ubwongereza.

Mu kwezi kwa kabiri, ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Uburundi bwatangaje ko iki gihugu gishobora gusubiriza mu ndumane Ubwongereza mu gihe butokwisubirako, ariko gushika ubu ntaco buratangaza.