Kenya: Hari amashirahamwe asaba ihagarikwa ry'amategeko yo gukumira Covid

Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri politike muri Kenya yakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza amategeko yo gukumira ikiza Covid-19.

Mu ndwi iheze, prezida Uhuru Kenyatta yarahagaritse uruja n'uruza mu ntara zitanu zivugwa ko zirimwo ibitigiri binini vy'abantu bandura iyo ngwara harimwo n'igisagara ca Nairobi.

Iyo ngingo ikaba ari iyo guhagarika ikwiyongera kw'ikiza Covid-19.

Prezida Kenyatta kandi yarahagaritse ububare bw'inzoga muri utwo turere twashizwemwo umukwabu, anategeka ko abafise amazu y'uburiro badandaza indya abantu batahana muhira gusa.

Amashirahamwe Bunge la Mwananchi na Muungano wa wananchi wa Citizen Alliance avuga ko izo ngingo zigira ingaruka mbi ku banyagihugu basanzwe, mu gihe ibikorwa vya politike ari vyo vyatumye ico kiza "gikwiragira".