Kenya – Covid-19: Umushikiranganji Kagwe avuga ko hari ikibazo c'ibura rya 'oxygen'

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Kenya buvuga ko Kenya ihanganye n'ikibazo c'ibura rya 'oxygène' mu bitaro hirya no hino mu gihugu cose.

Ibi vyatumwe n'ukwiyongera kw'igitigiri c'abagwayi ba Covid-19 muri iki gihe igihugu gihanganye n'ubundi bwoko bwa Covid bukaze cane - butuma benshi mu banye Kenya n'amashirahamwe yigenga batangura kwiyegereza ibintu vya nkenerwa.

Ku musi wa mbere, Umushikiranganji w'amagara y'abantu Mutahi Kagwe yavuze ko abanye Kenya babitse ibicupa vya 'oxygène' 20.000 muhira no mu mashirahamwe.

Yavuze ko ivyo bicupa bikenewe cane vyihuta mu bitaro vya reta kugira barokore ubuzima bw'abantu - agatera akamo abanye Kenya kugarukana ivyo bicupa ku mahinguriro ya 'oxygen'.

Yavuze ati:"Nipfuza gutera akamo abafise ivyo bicupa, vyaba ibitaro canke abantu ku giti cabo, ndabasavye mubizane ku mahinguriro kugira basubire bavyuzuze hanyuma bikoreshwe mu bitaro bibikeneye."

Abakeneye 'oxygen' bamaze kwigwiza na kabiri gushika ku matoni 880 avuye ku 410 imbere y'uko ikiza coronavirus gitera, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Ibura ry'ibicupa vya 'oxygen' - ubu iboneka ari nke kandi izimvye gukora mu gihe gito - ryatumye haba ibibazo mu kuyitanga mu gihugu cose.

Kenya yemeza ko abantu bamaze kwandura Covid-19 barenga 130.000, abarenga 2.000 bakaba bamaze gupfa.