Kenya-Covid: Abatubahirije ingingo zo kwirinda bahanishijwe gusukura igisagara

Abambaye agafukamunwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kwambara agafukamunwa ni itegeko mu bibanza bihuriramwo abantu benshi muri Kenya ariko ntivyubahirizwa cane

AbanyaKenya 57 barenze ku mategeko ajanye no kwirinda indwara ya Covid-19 baciriwe igihano co gusukura amabarabara n'amasoko y'umurwa mukuru Nairobi mu kiringo c'indwi.

Abo bantu 57 kuri uyu wa mbere niho barengutswa imbere ya sentare hanyuma barekurwa ku ngingo yo gukora ibikorwa rusangi.

Kwambara agafukamunwa n'itegeko mu bibanza bihuriramwo abantu benshi muri Kenya n'ubwo bitubahirizwa cane.

Urwego rujejwe igisagara ca Nairobi, Nairobi Metropolitan Services (NMS), rwavuze ko abo bantu bozotegerezwa gukora kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 zo ku mugoroba iminsi yose mu kiringo c'indwi.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Ibikorwa vyabo bizoba birimwo gukubura amasoko y'ivyo kurya ya Marikiti na Muthurua yo mu gisagara , hamwe n'uruzi rwa Nairobi akenshi ruba rwuzuye imicafu myinshi.

NMS ivuga ko "Igipolisi kizosubira kigafata kikajana muri sentare uwo wese atazokwitaba ivyo bikorwa hanyuma ahabwe ibihano bikomeye gusumba".