Japan: Uwujejwe gutegura ibirori vya Olympike i Tokyo yatanze imihoho azize gutukana

Uwari umukuru w'ibirori vyo kwugurura inkino za Olympike zizobera i Tokyo mu Buyapani yatanze imihoho inyuma yo kuvuga ko umupfasoni atwenza cane yokwitabira izo nkino 'nk'ingurube'.

Hiroshi Sasaki yavuze ko Naomi Watanabe avyibushe cane afise impano yo gutwenza ashobora kwambara amatwi y'ingurube mu birori vyo kwugurura izo nkino.

Mu nyuma yasavye imbabazi aranemera ko ivyo yavuze 'ari igitutsi gikumeye' kuri uwo mupfasoni. Watanabe gushika ubu nta co arabivugako.

Ivyo bishitse inyuma y'aho uwo yari yasubiriye Yoshiro Mori ahatiwe kuva muri ico kibanza inyuma yo kuvuga amajambo y'agasuzuguro ku bapfasoni.

Mw'itangazo yasohoye aricishije mu kanama kajejwe gutegura izo nkino, Sasaki yavuze ati: "Mu vyiyumviro no mu mvugo vyanje, harimwo amajambo atabereye. Ndamusavye ikigongwe bivuye ku mutima hamwe n'abandi bantu bose bababajwe n'ivyo navuze."

Naomi Watanabe w'imyaka 33, n'umwe mu bantu bafise impano zo gutwenza rurangiranwa mu Buyapani, akaba azwi nk'umuntu azi kwigana abantu bamenyekana cane no kwiyakira uko umeze kose ku mubiri.

Mu myaka iheze, yararongoye ishirahamwe ry'abashima uko bameze ku mubiri ryitwa "pochakawaii", hanyuma mu 2014 atanguza imwe mu mideli ya mbere y'Ubuyapani y'impuzu z'abantu bavyibushe cane.

Sasaki w'imyaka 66 yari ashinzwe ibirori vyo kwugurura inkino za Olympike no kuzugara, yavuze ivyo kuri Watanabe mu mwaka uheze mu mugwi wo kuganiriramwo ku rubuga rwa Line. Ico ciyumviro ciwe caciye ciyamirizwa ubwo nyene n'abo bakorana, bamubwiye ko ari ibiterasoni.

Atanze imihoho inyuma y'umwanya muto ikinyamakuru gisohoka buri ndwi Shukan Bunshun gishize ahabona ivyo yavuze kuri uyu wa gatatu.

Abategura izo nkino bavuga ko umukuru w'izo nkino ubu Seiko Hashimoto ategura kugira ico ashikirije kuri ivyo vyabaye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane.

Uwahoze ari umunonotsi n'umushikiranganji w'inkino za Olympike mu Buyapani, umupfasoni Hashimoto, yari yagenye umukuru w'izo nkino mu kwezi guheze inyuma y'aho Mori avugiye amajambo yatumye yiyamirizwa, ko abagore bavuga menshi. Yari yavuze kandi ko inama zirimwo abapfasoni b'abarongozi zishobora "kumara umwanya munini".

Kuva agiye muri ico kibanza, umupfasoni Hashimoto yiyemeje gushira imbere ukungana kw'ibitsina muri izo nkino, aho yongeyemwo abayobozi 12 b'abapfasoni mu kanama kajejwe gutegura izo nkino.