Yoshiro Mori: Umukuru wa Olympic za Tokyo yatanze imihoho kubera kuvuga 'ibitabereye' ku bagore

Umukuru w'umugwi utegura inkino za Olympic zizobera Tokyo yatanze imihoho inyuma yo kunegurwa ko yavuze ibintu "bitabereye" ku bagore.

Yoshiro Mori, w'imyaka 83, vyanditswe ko yavuze ngo abagore bavuga menshi kandi ko inama n'abagore bo mu nama nyobozi ''zitwara umwanya muremmure''.

Ayo majambo yaradugije ifurufumbi ry'abavyiyamiriza none Mori yarasavye imbabazi ico gihe ariko yaruhiye gutanga imihoho.

Mori,yatanze imihoho ku mugaragaro mu nama idasanzwe yabaye ku wa gatanu inyuma yo kuvuga ivyo ku ndwi iheze. Yabwiye inama idasanzwe yabaye ku wa gatanu ati :

"Igihambaye n'uko haba inkino za Olympic kuva mu kwezi kw'indwi. Ntibikwiye ko kuba ndimwo bibera intambamyi ivyo," ari naho yaca atangaza ko atanze imihoho.

Ntivyashotse bimenyekana uwugiye gusubirira Mori yahoze ari umushikiranganji wa mbere, . Ubwa mbere yari yahisemwo umuntu azwi cane mu gutunganya inkino Saburo Kawabuch w'imyaka 84 ngo amusubirire ariko n'ibi hari abavyiyamirije.

Ibigo bikomeye bishigikira izo nkino navyo vyari vyashize amajwi hejuru mu kunegura ivyo yavuze harimwo na Toyota, iri mu bakomeye bshigikira cane inkino za Olympic.

Umukuru wa Toyota, Akio Toyota yavuze ko iyo kompanyi "yababajwe'' n'ivyashikirijwe.

Ku wa kabiri umugwi w'abashingwamanza b'abagore bambaye impunzu zera mu kwiyamiriza ivyavuzwe na Mori, hari n'abagabo bashigikiye mu kwambara uko nyene.

Ku bw'ibinyamakuru vyo mu Buyapani, abantu bashika 400 nabo baranditse bavuga ko bahagaritse gusaba gukorera ubushake mu nkino za Olympic, zitegekanijwe mu bihe biri imbere uyu mwaka.

Inama y'abarongoye umugwi utegura inkino ubu igizwe n'anbantu 24, batanu muri bo bakaba ari abagore.

Mu 2019,inama y'abaronmgoye uwo mugwi-ujejwe guhitamwo abayapani bazokwitaba inkino,yihaye ihangiro ryo kwongereza igitigiri c'abagore bayigize gushika ku 40 kw'ijana.

Mori bivugwa ko yagize ati: "Turamutse tudugije igitigiri c'abnagore bagize inama nyobozi, dutegerezwa kubasha kugabanya umwanya bafata mu kuvuga, barafise ingorane yo kurangiza, ivyo navyo bikaba bishavuza."

Mori arazwi mu gihugu kuba yakuze kugwa mu rudubi no kuvuga ibitabereye abashitsi igihe yari mu nabanga hagati ya 2000 na 2001.

\yabwiye ikinyamakuru co mu Yapani Mainichi ko abagore bo mu muryangoi wiwe nabo bamuryagaguye kubera ivyo yavuze.