Prezida wa Tanzania John Magufuli yaryamiye ukuboko kw'abagabo

Prezida John Magufuli

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida John Magufuli ashengeye afise imyaka 61

Icegera c'umukuru w'igihugu Samia Suluhu Hassan, ni we yatangaje urupfu rwa Prezida John Magufuli, mu butumwa yacishije kuri television y'igihugu (TBC) ikibiriraho.

Leta yatangaje ko Prezida Magufuli yahitanywe n'ikibazo c'umutima ku bitaro vya Mzena mu muji wa Dar es Salaam, umurwa mukuru w'ubutunzi wa Tanzania.

Yariko aravurwa n'umuhinga mu vy'umutima wo ku bitaro Jakaya Kikwete, nk'uko leta yabivuze.

Icegera c'umukuru w'igihugu yatangaje iminsi 14 y'ikigandaro, ibendera ry'igihugu rikazoduzwa gushika hagati.

Icegera c'umukuru w'igihugu yavuze kandi yuko Bwana Magufuli yari afise ikibazo c'umutima yari amaranye imyaka 10.

Yaryamiye ukuboko kw'abagabo afise imyaka 61, akaba yari umukuru w'igihugu agira gatanu wa Republika ya Tanzania.

Gutangaza urupfu rwiwe bije nyuma y'indwi zirenga zibiri kuva aho yaheruka kugaragara ari ahabona, bituma hakwiragira urukukuru rw'uko yoba arwaye coronavirus.

Ariko icegera ciwe ico gihe yavuze yuko abantu bari bakwiye kwirengagiza ibihuha.

Abakuru b'ibihugu bapfiriye ku butegetsi