'Prezida Magufuli arabaramutsa cane' - Icegera ca prezida wa Tanzania

Icegera ca prezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan
Insiguro y'isanamu, Mama Samia kandi yasavye aba Tanzania kwima amatwi abanyamahanga no gutsimbataza ubumwe muri iki gihe.

Mu rugendo icegera ca prezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan arimwo mu ntara ya Tanga, yabwiye abanyagihugu ko prezida John Pombe Magufuli abaramutsa cane.

Yavuze ko prezida Magufuli yanabasavye kubandanya imirimo yabo.

Samia Suluhu yagize ati: "Nyakubahwa prezida arabaramutsa kandi arabashimira cane ku kazi mwakoze mu mwaka uheze, mu kwezi kwa cumi, mu kugarukana ku butegetsi umugambwe wa CCM, avuga ko twobandanya akazi, dukundane kandi dufatane mu nda."

Mama Samia kandi yasavye abatanzania kwima amatwi abanyamahanga no gutsimbataza ubumwe muri iki gihe.

Icegera c'umukuru w'igihugu wa Tanzania Samia Suluhu yabandanije avuga ati: "Nashaka ndababwire ko igihe gikomeye ku batanzania co gufatana mu nda ari iki, kwunga ubumwe n'ubu, si umwanya wo kwumviriza amajambo ava hanze ngo adushushe umutwe."

Ibi icegera c'umukuru w'igihugu abivuze mu gihe hari ibihuha ku mbuga ngurukanabumenyi bivanye n'uko prezida John Magufuli atakiboneka.

Prezida John Pombe Magufuli

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Magufuli aramaze indwi zibiri zirenga ataraboneka ahabona

Gushika ubu abantu bane baramaze gufatwa bagirizwa gukwiragiza ibihuha ku mbuga ngurukanabumenyi bivuga ko prezida Magufuli agwaye.

Ubwa nyuma prezida Magufuli yabonetse ku mugaragaro hari ku musi wa gatandatu, itariki 27 z'ukwezi kwa kabiri, bigatuma hibazwa aho ari n'ingene amagara yiwe ameze.

Ku musi wa gatanu, umushikiranganji wa mbere Kassim Majariwa yaravuye mu gacerere avuga ko prezida Magufuli abandanya akazi kiwe nk'uko vyama, kandi ko atari ngombwa ko aja ahagaragara.