Covid: France yategetse ko urucanco rwa AstraZeneca ruhabwa abari musi y'imyaka 65 gusa

Ahavuye isanamu, EPA
Abajejwe amagara y'abantu mu Bufaransa bavuga ko urucanco rwa Covid-19 rwahinguwe na AstraZeneca rwohabwa abari munsi y'imyaka 65.
Iki gihugu co mu muryango w'ibihugu vya Buraya kivuga ko ata vyemezo bikwiye ko uru rucanco rushobora gukora ku bantu bageze mu zabukuru.
Ikigo kijejwe kugenzura imiti mu muryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya caremeje urucanco rwa AstraZeneca ku bantu bose bakuze, ariko buri gihugu gifata ingingo y'ingene kizorukoresha.
Ubudagi na Autriche/Austria vyaramaze gutegeka ko ruhabwa abari munsi y'imyaka 65.
Mu ndwi iheze, umuryango w'Ubumwe bw'igihubu vya Buraya waragiye mu mpari na AstraZeneca, inyuma y'aho iyi kompanyi itangarije ko idashoboye gukora incanco gushika ku rugero rwari rwitezwe mu kiringo categekanijwe.
Umukuru w'uyu muryango, Ursula von der Leyen ubwiwe aranegurwa cane akagirizwa ko yafashe minenerwe iri sekeza ryo gucandaga, ariko ejo ku wa kabiri yarireguye.
Yabwiye ikinyamakuru co mu Bufaransa Le Monde ati: "Ndizeye neza ko inzira yafashwe n'Uburaya ku bijanye no gucandaga ari yo nziza".
Eka n'umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel na we nyene yarashigikiye inzira yafashwe n'umuryango wa Buraya, hari mu kiganiro ku mboneshakure.
None abategetsi b'Ubufaransa bavuze iki neza na neza?
Ikigo kijejwe kugenzura ibijanye n'amagara y'abantu kivuga ko ata vyemezo bikwiye bafise vyerekana ko urucanco rwakozwe n'ikompanyi AstraZeneca rukora ku bantu barenza imyaka 65.
Iki kigo kivuga kiti: "Ibi vyemezo bizoboneka mu ndwi ziri imbere. Mu kurindira, dusavye ko rwohabwa abantu bari munsi y'imyaka 65".
Categetse ko ruhabwa abakozi bo mu gisata kijejwe amagara y'abantu hamwe n'abatishoboye bari hagati y'imyaka 50 na 65.

Ahavuye isanamu, EPA
Gushika ubu, abantu barenga umuriyoni n'igice mu Bufaransa ni bo bamaze kuronswa urucanco rwa Covid.
Mu Bwongereza hoho, abamaze kuronswa urucanco barenga imiriyoni cumi, mu gihe ibi bihugu bifise ibitigiri vy'abantu vyababana.
Ibindi bihugu vy'umuryango wa Buraya bihagaze he kuri AstraZeneca?
Mu ndwi iheze, umurwi w'Ubudagi ujejwe gucandaga wavuze ko udashobora kwemera ko uru rucanco ruhabwa abantu barenga imyaka 65.
Ejo ku wa kabiri, abajejwe amagara y'abantu muri Suwede na Polonye, nabo nyene barafashe iyo ngingo, mu gihe umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Ububirigi nawe avuga ko muri kino gihe, bazoruha abatarenza imyaka 55 gusa.
Eka n'Ubutariyano nabwo nyene ku wa gatandatu uheze bwaremeje ko uru rucanco rwokoreshwa, ariko rugahabwa abatarenza 55 bo nyene.
Hagati aho, mu cigwa batarashira ahabona, abahinga bo kuri kaminuza ya Oxford, bavuga ko uru rucanco rushobora kugabanya "bimwe biboneka" ikwirakwira ry'uwu mugera.
Ibihugu vya Buraya birafise uburenganzira bwo kwifatira ingingo ku gatwe kavyo ku bantu bohabwa incanco kanaka mu gihe zimaze kwemezwa ku rwego rw'umugabane.
Mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure ejo ku wa kabiri, umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi yavuze ko "urucanco urwo ari rwo rwose ruhawe ikaze mu muryango wa Buraya".
Avuga kandi ko hari amakuru ahumuriza cane ku rucanco rw'Uburusiya Sputnik V.
Ikizwi kuri uru rucanco?
Mu mugambi wabwo wo gucandaga umaze indwi zitari nke, Ubwongereza bumaze igihe bukoresha uru rucanco rwakozwe na AstraZeneca, ikompanyi ihingura imiti yegukira Ubwongereza na Suwede.
Abajejwe amagara y'abantu mu Bwongereza bavuga ko uru rucanco ata ngorane rutera kandi ko "rukingira ku rugero runini" abantu ku myaka itandukanye. Icigwa cerekana ko uru rucanco rukora neza cane.
Mu gihe rwariko rurageragezwa, nta n'umwe mu baruhawe yigeze ajanwa mu bitaro canke ngo arembe kubera Covid.
Uru rucanco rutangwa mu nshinge zibiri ziterwa ku ncuro zibiri nyene ku kuboko, urwa kabiri rugaterwa inyuma y'indwi hagati ya 4 na 12 kuva umuntu atewe urwa mbere.
Igihe ishirahamwe rijejwe imiti mu muryango w'Ubumwe bw'ibihugu vya Buraya ryemeza uru rucanco mu ndwi iheze, ryavuze ko abenshi mu barugeragerejweko bari munsi y'imyaka 55.
Ryavuze ko mu gihe ata vyemezo bihagije vyerekana ko uru rucanco rushobora gukora ku bantu bakuze, "rurakora neza ku bantu bari muri uyu murwi kubera abasoda b'umubiri bakora neza ".
AstraZeneca ivuga ko icigwa giherutse gukorwa na Amerika kizotanga ibindi vyemezo kuri uru rucanco ku bantu bageze mu zabukuru.










