Africa y'Epfo na Covid-19:Inkingo za mbere zirashika ku wa mbere

Urucanco

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Afrika y'Epfo iharurwamwo abanduye coronavirus bashika miriyoni 1.4

Afrika y'Epfo ku wa mbere izoronka umuriyoni w'incanco zikinga kwandura umugera wa Covid-19 zivuye mu Buhindi, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji w'ico gihugu ajejwe amagara y'abantu Zweli Mkhize.

Ivyo yabivuze mu bikorwa vy'inama ijanye n'umwiteguro wo gutanguza isekeza ryo gutanga inanco muri ico gihugu.

Ati: ''Ndahimbawe no kumenyesha ko indege izanye umuriyoni wa mbere w'incanco izohagaruka mu Buhindi ku wa mungu itariki 31 ukwezi kwa mbere 2021 , igaca Dubai hanyuma igashika ku kibuga mpuzamakungu ca OR Thambo ku wa mbere itariki imwe y'ukwezi kwa kabiri.''

Yavuze ko izo ncanco za AstraZeneca zishitse zizobanza gusuzumwa ko ata tunenge zifise.

Ati: ''Ico gikorwa co kuzisuzuma kizofata iminsi iri hagati ya 10 na 14 kugira kirangire,aho niho tuzoca dutanga izo ncanco mu ntara zose''.

Izindi ncanco 500.000 zitezwe mu kwezi kwa kabiri, zindi miriyoni 20 nazo mu kwezi kwa gatandatu.

Afrika y'Epfo ni co gihugu ca mbere cugarijwe cane n'indwara ya Covid-19 muri Afrika.

Ubu ihanganye n'ubwoko bushasha bw'umugera utera iyo ndwara kandi bwandukira cane ari nabwo bwatumye ibitigiri vy'abandura uwo mugera biduga cane.