Icegera ca mbere c'umukuru wa Zanzibar n'umugore wiwe batowe Covid-19

Seif Sharif Hamad

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tanzania yarahagaritse gutangaza ingene ikiza ca coronavirus yifashe mu gihugu

Icegera ca mbere c'umukuru wa Zanzibar, Seif Sharif Hamad, be n'umugore wiwe batowe indwara ya Covid-19.

Bamwe mu bo bakorana mu biro nabo nyene baratowe umugera, nk'uko bivugwa n'umugambwe wiwe ACT Wazalendo mw'itangazo.

Hamad ari mu bitaro, bikwavugwa ko amagara yiwe aguma atera imbere.

Uwo mugambwe utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi wasavye aba Tanzania gukurikiza ingingo zo kwirinda kwandura no gukiwirakwiza uwo mugera.

Iyo nkuru imenyekanye haheze iminsi prezida wa Tanzania John Pombe Magufuli agabishije abajejwe amagara y'abantu ko batokwihutira kuzana inkingo za Covid-19 badafise ivyemezo,avuga ko zishobora kubangamira amagara y'abantu.

Kuva mu kwezi kwa gatandatu, reta ya Tanzania ntihora ibiharuro bijanye na coronavirus kuva umukuru w'ico gihugu atangaje ko kitakirangwamwo uwo mugera.

Mu minsi iheze ariko Eklezia Katorika yaragabishije ko hari ibimenyetso ko uwo mugera wasubiye kugwirirana mu gihugu iravye ubwinshi bw'imisa y'abpfuye isigaye isomwa buri munsi